UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Woba wibabarira?
Birashobora kutugora kwibabarira amakosa twakoze kandi Yehova aba yaratubabariye. Ico ciyumviro carashimitsweko mu nsiguro iri kumwe n’akavidewo kw’ihwaniro ryo mu 2016 ryataziriwe ngo “Nugume uri intahemuka kuri Yehova!” Subira urabe ako kavidewo ukoresheje JW Library, uce wishura ibi bibazo:
Sonja yamaze igihe kingana iki yaraciwe?
Abakurambere bamweretse icanditswe ikihe, kandi camufashije gute?
Ishengero ryafashe gute Sonja igihe yagarukanwa?
Sonja yagumye yiyumva gute? Se wiwe yamufashije gute?