26 Kigarama 2016–1 Nzero 2017
YESAYA 17-23
Ururirimbo rwa 123 n’isengesho
Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Ukoresha nabi ubukuru ukabutakaza”: (Imin. 10)
Yes 22:15, 16—Shebuna yakoresheje ubukuru bwiwe mu buryo buranga ubwikunzi (ip-1 238-239 ing. 16-17)
Yes 22:17-22—Yehova yarakuyeho Shebuna amusubiriza Eliyakimu (ip-1 239-240 ing. 17-18)
Yes 22:23-25—Ivyashikiye Shebuna turabikuramwo ivyigwa bihambaye (w07 15/1 8 ing. 6; ip-1 240-241 ing. 19-20)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)
Yes 21:1—Ni intara iyihe yitwa “agahinga k’ikiyaga” kandi kubera iki? (w06 1/12 11 ing. 3)
Yes 23:17, 18—Ni mu buryo ki ibintu vyazanira inyungu Tiro vyabaye ikintu “ceranda kuri Yehova”? (ip-1 253-254 ing. 22-24)
Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi kinyigisha iki ku vyerekeye Yehova?
Ni ivyiyumviro ibihe vyo mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi nokoresha mu ndimiro?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Yes 17:1-14
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Mugihura: (Imin. 2 canke idashika) bh—Koresha akavidewo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya? umwerekeze kuri ico gitabu. (Nturinde kukerekana muri uwo mwerekano.)
Usubiyeyo: (Imin. 4 canke idashika) bh—Tanguza inyigisho muri ku muryango. Cira inzira ikiyago kizokurikira.
Inyigisho: (Imin. 6 canke idashika) lv 150-151 ing. 10-11—Erekana ingene twoshikira umutima w’umutohoji.
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Woba ‘uzoguma uri maso’?: (Imin. 8) Insiguro itangwa n’umukurambere ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ntwarante 2015, urupapuro rwa 12-16. Remesha bose kuguma bari maso nka ya nderetsi ivugwa muri Yesaya be na ba bigeme batanu b’isugi bo mu kigereranyo ca Yezu.—Yes 21:8; Mt 25:1-13.
Ivyaranguwe n’ishirahamwe: (Imin. 7) Erekana videwo yo muri Kigarama ivuga ngo Ivyaranguwe n’ishirahamwe.
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) kr ikig. 6 ing. 1-7, n’“Igihimba ca 2—Kwamamaza Ubwami—Gukwiragiza inkuru nziza kw’isi yose”
Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 141 n’isengesho