ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb16 Nyakanga rup. 2
  • Iyo tudodoye hakitaba umwana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Iyo tudodoye hakitaba umwana
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Ivyo bijanye
  • Kunezereza Umutima w’Abavyeyi
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Bavyeyi, mwoba muriko murafasha abana gutera intambwe yo kubatizwa?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Kubera iki abantu batubaha abo mu muryango?
    Be maso!—2024
  • Bavyeyi, nimurere abana banyu mubigiranye urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
mwb16 Nyakanga rup. 2

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Iyo tudodoye hakitaba umwana

Ivyabona babiri bariko babwira inkuru nziza agakobwa na nyina

Iyo tudodoye hakitaba umwana, dukwiye kumubaza nimba twovugana n’abavyeyi biwe. Ivyo birerekana ko twubaha ubukuru bwabo. (Img 6:20) Uwo mwana aduhaye ikaze ngo twinjire, ntidukwiye kuvyemera. Igihe abavyeyi biwe atari ho bari, dukwiye kugaruka ikindi gihe.

Naho uwo mwana yoba yisumbuye gatoyi, kumbure afise nk’imyaka iri hagati ya 15 na 19, dukwiye kumusaba ngo tuvugane n’abavyeyi biwe. Batabonetse, twoshobora kumubaza nimba bamwemerera gusoma ivyo ashatse. Nimba babimwemerera, twoshobora kumusigira akantu ko gusoma canke tukamubwira ivy’urubuga rwacu jw.org.

Igihe dusubiye kuraba uwukiri muto yashimishijwe, dukwiye kumubaza nimba twobonana n’abavyeyi biwe. Ivyo bizotuma tubabwira ikitugenza twongere tubereke impanuro zo kwizigirwa Bibiliya itanga ku miryango. (Zb 119:86, 138) Nitwabereka urupfasoni n’icubahiro bizoshinga intahe nziza vyongere biduhe utundi turyo two kubwira inkuru nziza uwo muryango.​—1Pt 2:12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika