5-11 Nyakanga
ZABURI 119
Ururirimbo rwa 48 n’isengesho
Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
‘Gendera mw’itegeko rya Yehova’: (Imin. 10)
Zb 119:1-8—Kugendera mw’itegeko ry’Imana ni vyo bituma tugira agahimbare nyakuri (w05 15/4 10 ing. 3-4)
Zb 119:33-40—Ijambo ry’Imana riradufasha kugira umutima rugabo igihe duhanganye n’ibigeragezo (w05 15/4 12 ing. 12)
Zb 119:41-48—Ubumenyi butagira amakosa bwo mw’Ijambo ry’Imana buratuma tugira umutima rugabo wo kwamamaza (w05 15/4 13 ing. 13-14)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)
Zb 119:71—Gutezwa amarushwa hari iciza bivamwo? (w06 1/9 14 ing. 4)
Zb 119:96—Amajambo avuga ngo “ukutagira akanenge kwose nabonye gufise iherezo” asobanura iki? (w06 1/9 14 ing. 5)
Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi kinyigisha iki ku vyerekeye Yehova?
Ni ivyiyumviro ibihe vyo mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi nokoresha mu ndimiro?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Zb 119:73-93
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Tegura uburyo bwo gutanguza ibiyago muri uku kwezi: (Imin. 15) Guhana ijambo. Kuri buri buryo bwo gutanguza ibiyago, nimwerekane akavidewo bijanye muce muganira ku vyiyumviro nyamukuru. Nuremeshe abamamaji kwitegurira uburyo bwabo bwo gutanguza ibiyago.
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
“Iyo tudodoye hakitaba umwana”: (Imin. 5) Insiguro.
Ibikenewe iwanyu: (Imin. 10) Murashobora kuganira ku vyigwa dukura mu Gitabu c’umwaka. (yb16 59-62)
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) ia ikig. 23 ing. 15-29, n’isubiramwo ry’ikigabane
Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 13 n’isengesho