UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ZABURI 11-18
Ni nde yoba umushitsi mw’ihema rya Yehova?
Kuba umushitsi mw’ihema rya Yehova bisobanura kuba umugenzi wiwe, ukamwizigira kandi ukamwumvira. Muri Zaburi ya 15 haratubwira ibiranga abagenzi ba Yehova.
UMUSHITSI WA YEHOVA ATEGEREZWA . . .
kutagira amahinyu
kuvuga ukuri no mu mutima wiwe
gutera iteka abasavyi ba Yehova bagenziwe
gushitsa ivyo yasezeranye naho vyoba bigoye
gufasha abakene atiteze ko bagira ico bamusubiza
UMUSHITSI WA YEHOVA ARIRINDA . . .
urusaku n’ukwambika ibara abandi
gukorera ikibi mugenziwe
kurya imitsi abavukanyi biwe
kwifatanya n’abadakorera Yehova canke ngo bamugamburukire
kurya igiturire