Kwitegura birakenewe kugira ngo twigishe neza
Yezu yarabajijwe n’imiburiburi incuro zibiri ikibazo kimwe ku bijanye n’ubuzima budahera, ariko incuro imwimwe yose yishura ico kibazo mu buryo buhuye n’uko ivy’uwamubajije vyaba vyifashe. (Luka 10:25-28; 18:18-20) Ku bw’ivyo, naho twoba tuzi neza ibiri mu gikoresho gifasha abantu kwiga Bibiliya, dukwiye kugitegura imbere y’igihe dufise mu bwenge uwo twigisha. Ni ivyiyumviro ibihe vyoshobora kumugora gutahura canke kwemera? Ni icanditswe ikihe mu vyatanzwe twosomera hamwe na we? Twokwiga ibingana iki? Hari aho vyoba ngombwa ko dutegura ikigereranirizo, ivyo twomusigurira, canke ibibazo bitandukanye twokoresha kugira ngo tumufashe gutahura ibiriko biravugwa. Vyongeye, kubera ko Yehova ari we akuza imbuto z’ukuri mu mutima w’umuntu, turakwiye kumusaba ngo aduhezagire igihe twitegura, ngo ahezagire uwo twigisha, yongere ahezagire utwigoro tugira turondera ko uwo muntu yotera imbere mu vy’impwemu.—1 Kor. 3:6; Yak. 1:5.