Ingene twotanguza ibiyago
Umunara w’Inderestsi 1 Ruheshi
“Turiko turagendera ababanyi bacu gatoyi kugira ngo tuganire kuri Bibiliya. Abantu benshi biyumvira ko siyansi ya none yerekana ko Bibiliya itavuga ukuri. Wewe ubona gute Bibiliya? Woba ubona ko twoyizigira? [Rindira yishure.] Raba aka karorero keza k’ikintu kijanye na siyansi Bibiliya ivuga ata mahinyu. [Soma Yobu 26:7.] Iki kinyamakuru kirerekana ko siyansi na Bibiliya bihuza.”
Be maso! Ruheshi
“Kubera ko ata n’umwe atarwara, twari tubagendeye gatoyi kugira tubereke iki canditswe co muri Bibiliya kiremesha. [Soma Yesaya 33:24a.] Wibaza ko ubuzima buba bumeze gute iyaba tutarwara? [Rindira yishure.] Mu kurindira ko ico canditswe kiranguka, hariho ibintu bitanu vy’ishimikiro twokora kugira turushirize kugira amagara meza. Iki kinyamakuru kiravyerekana.”