Niwamamaze n’umwete ukuri kwerekeye Yezu
Tumenye ingene tubwira abandi ukuri ku vyerekeye Yezu, umwete wacu urongerekana. Yezu ni ibuye ry’umushinge rigumya imfuruka ukwizera nyakuri kwubakiyeko. (Ef. 2:20) Iyo ataba we, nta cizigiro c’ubuzima tuba dufise. (Ivyak. 4:12) Ku bw’ivyo, birahambaye ko twese tumenya uruhara Yezu afise mu mugambi w’Imana. Abantu benshi barazimijwe n’inyigisho zidashingiye ku Vyanditswe. Ikibabaje, boshobora kutaronka ku mihezagiro Ijambo ry’Imana risezeranira abizera Yezu. Umwete dufitiye ukuri uzotuma dufasha abantu b’imitima nziraburyarya kumenya neza Yezu, ico apfana n’Imana, n’uruhara afise mu mugambi w’Imana. Muri iki kiringo c’Icibutso, woba uzotangaza ukuri kwerekeye Yezu ubigiranye umwete?