Amatangazo
◼ Ivyo tuzoshikiriza muri Myandagaro: Isekeza ridasanzwe ryo gushikiriza agapapuro k’inkuru nziza gashasha kamenyesha ibijanye n’umuhora wo kuri Internet wa jw.org. Nyakanga na Gitugutu: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! Munyonyo na Kigarama: Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? canke Abapfuye boba vy’ukuri bashobora kwongera kubaho?, Imibabaro yoba izoteba igahera?, Ni igiki cotuma mu rugo harangwa agahimbare?, Ni nde vy’ukuri aganza isi?, Ubona gute Bibiliya?, Ubona gute kazoza? be na Woba ushaka kumenya ukuri?