Ibikurubikuru vyo mu murimo wo mu ndimiro
Turahimbawe no kubamenyesha igitigiri c’abatsimvyi basanzwe twashitseko muri Munyonyo 2013, na co kikaba ari 1.319. Iyo ni incuro igira kabiri muri uwo mwaka w’umurimo haboneka igitigiri c’abatsimvyi basanzwe kiruta ivyigeze kuboneka vyose kandi mu mezi abiri akurikirana. Muri ukwo kwezi nyene, buri mutsimvyi asanzwe yayoboye inyigisho za Bibiliya 5,8 tugize incahagati. Vy’ukuri, abasavyi ba Yehova bariko barakora cane muri ca gikorwa ndokorabuzima co kwigisha!—1 Tim. 4:16.