Ividewo nshasha ifasha gutanguza inyigisho za Bibiliya
Ividewo imara umwanya mutoyi ivuga ngo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya? irarabwa n’abantu benshi cane kuri jw.org. Iyo videwo igenewe gutuma abantu bashimishijwe bemera ko tubagirira inyigisho ya Bibiliya ku buntu. Kugira umuntu ayibone yoja ahavuga ngo “Intango” agaca afyonda amaja munsi ahanditse ngo “Gusaba kwigishwa Bibiliya” canke akarabisha kamera ya telefone yiwe ku kamenyetso ntekeramakuru kari ku rupapuro rwa nyuma rwa buri gapapuro k’inkuru nziza gashasha. Raba uburyo bumwebumwe bwo gukoresha neza iyo videwo nshasha.
Igihe dusubiye kugendera umuntu yashimishijwe, twomubwira duti: “Noshobora kukwereka ividewo imara umwanya mutoyi isigura ukuntu ushobora kuronka inyishu z’ibibazo ufise bishingiye kuri Bibiliya?” Yemeye, numwereke iyo videwo ku gakoresho kawe ngendanwa canke kuri orodinateri yiwe.
Igihe dutanze kamwe muri twa dupapuro tw’inkuru nziza dushasha turiko turamamaza akaryo kizanye canke ku mugaragaro, twokwereka uwo muntu akamenyetso ntekeramakuru maze tukamusaba akarabisheko kamera ya telefone yiwe. Kubera ko mu ndimi nyinshi ako kamenyetso ntekeramakuru gaca kakujana ahari iyo videwo ku muhora wacu wo kuri Internet, vyoshoboka ko muca muraba iyo videwo ubwo nyene mukoresheje agakoresho kawe ngendanwa.
Nubwire abo mukorana, abo mwigana, incuti n’abandi muzinanye ibijanye n’iyo videwo, maze ubabaze niba woyibereka. Canke ubarungikire biciye kuri e-mail umurongo wa Internet bofyondako kugira baje aho iyo videwo iri, maze ubasabe bayirabe.
Dukoresheje ubwo buhinga bushasha, twoshobora gutanguza izindi nyigisho za Bibiliya, tugafasha mu buryo bw’impwemu “abafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera.”—Ivyak. 13:48.