Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Gufasha uwo mwajanye
Igituma bihambaye: Yezu yari azi ko kwamamaza uri kumwe n’uwundi muntu bifise akamaro. Rero igihe yarungika 70 mu bigishwa biwe ngo bamwitangire imbere kuja kwamamaza, yabarungitse ari babiribabiri. (Luka 10:1) Uwo mwajanye arashobora kugufasha igihe uhuye n’ibintu bitoroshe canke igihe utazi ico wokwishura umunyamuhana. (Umus. 4:9, 10) Arashobora gusabikanya nawe ubuhanga afise kandi rimwerimwe akaguterera iciyumviro coshobora kugufasha kurushiriza kuba umwamamaji kirumara. (Imig. 27:17) Arashobora kandi kukuremesha biciye ku biganiro vyubaka mugiranira imbere y’uko mushikira uwundi muhana.—Flp. 4:8.
Muri uku kwezi nugerageze iki kintu:
Uhejeje gukorana mu busuku n’uwundi mwamamaji, numubwire ibintu yakoze canke yavuze vyakubereye ngirakamaro.