Amatangazo
◼ Ivyo tuzoshikiriza mu kwezi kwa Ruhuhuma: Inkuru nziza iva ku Mana canke kamwe muri utu dutabu tw’impapuro 32: Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Intwaro izozana Iparadizo, Inzira Ijana mu Buzima Budahera—Woba Warayitoye?, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Ni Ibiki Imana Idusaba?, canke Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana! Igihe musubira kugendera abashimishijwe, nimubereke igitabu Ivyo Bibiliya yigisha canke bivanye n’ivyo uwo muntu akeneye, mumwereke agatabu Niwumvirize Imana canke Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera, kandi mugerageze gutanguza inyigisho za Bibiliya. Ntwarante na Ndamukiza: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! Rusama na Ruheshi: Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? canke kamwe muri utu dupapuro tw’inkuru nziza: Ugucumukura kwose kugiye kurangira, Ukubaho mu Mahoro mw Isi Nsha, Yehova—Ni Nde? canke Woba ushaka kumenya ukuri?
◼ Insiguro idasanzwe izoshikirizwa mu kiringo c’Icibutso co mu 2014 izoba ifise umutwe uvuga ngo “Ni kubera iki Imana y’urukundo ireka ibibi bigashikira abantu?”
◼ Igihe abamamaji bagira uruhara mu kwamamaza ku mugaragaro bakoresheje imeza canke twa tuntu turiko amapine bagenda barasunika, ntibakwiye gushira ahabona Amabibiliya. Yamara, bakwiye kuba bibangikanije Amabibiliya yo guha abantu bayasavye canke aberekanye ko bashimishwa koko n’ukuri.