Ibikurubikuru vyo mu murimo wo mu ndimiro
Twarahimbawe cane na raporo y’umwaka w’umurimo wa 2013! Abantu 757 barabatijwe, iryo rikaba ari iyongerekana ry’ibice 5 kw’ijana ugereranije n’umwaka wa 2012. Raporo y’umwaka yerekana ko twashikiriye igitigiri gishasha c’abamamaji b’inkuru nziza 11.802! Buri kwezi hayobowe inyigisho za Bibiliya 31.067, aho hakaba hiyongereyeko izishika 2.760 ugereranije n’umwaka wa 2012. Dusenga dusaba ko Yehova yohezagira uwu mwaka w’umurimo turimwo.