Ntugume winumiye igihe uri kumwe n’uwundi mu busuku
1. Ni gute twokwigana agatima k’intumwa Paulo igihe dukorana n’abandi mu busuku?
1 Intumwa Paulo yabona ko umwanya yamara ari kumwe n’abo basangiye ukwemera ari uturyo tw’ “uguhanahana indemesho.” (Rom. 1:12) Igihe uriko urakorana n’uwundi mwamamaji mu busuku, woba ukoresha uwo mwanya mu kumuremesha no mu kumufasha? Aho kuguma unumye, ubona gute ubwiye uwo muriko murakorana ibigufasha kuba umwamamaji kirumara?
2. Ni igiki twokora kugira ngo dufashe uwo turi kumwe mu ndimiro gutsinda ubwoba, kandi ni kubera iki ivyo bihambaye?
2 Numufashe gutsinda ubwoba: Abamamaji bamwebamwe baragira ubwoba, ivyo bikagaragarira mu maso habo canke mw’ijwi ryabo. Turashobora kubafasha gutsinda ubwoba mu kubakeza tubikuye ku mutima. Ni ubundi buryo ubuhe bwo gufasha umuntu gutsinda ubwoba? Umucungezi w’ingenzi umwe ahora abwira ata kwitinya uwo baba bari kumwe ukuntu agira ubwoba be n’ukuntu asenga kenshi asaba gutsinda izo nyiyumvo. Uwundi muvukanyi yanditse ibi ku bijanye n’ikimufasha gutsinda ubwoba: “Bihera ku kumwenyura. Rimwe na rimwe mbwirizwa gusenga nsaba imfashanyo kugira nshobore kugira ico kintu gisanzwe.” Hoba hariho ikintu cagufashije gutsinda ubwoba mu busuku? Nukibwire uwo muri kumwe mu ndimiro.
3. Ni ibiki twobwira uwo turiko turakorana bishobora kumufasha kurushiriza kuba kirumara mu busuku bwiwe?
3 Numubwire ubuhinga ukoresha: Woba waratoye iryungane risanzwe canke ikibazo, kumbure ikintu gihuye n’uko ibintu vyifashe aho iwanyu, coba ngirakamaro mu gutanguza ibiyago? Hoba hari ivyiza wiboneye mu kuba waragize akantu wongeye ku buryo bwo gutanguza ikiyago twisunga? Nubibwire uwo muriko murakorana. (Imig. 27:17) Igihe muriko muraja kuraba uwashimishijwe, woshobora kuvuga intumbero ufise be n’ukuntu utegekanya kuyishikako. Inyuma y’inyigisho ya Bibiliya, woshobora gusigura igituma wahisemwo iciyumviro kanaka, icanditswe kanaka canke uburyo kanaka bwo kwigisha kugira ufashe uwo mutohoji mu vyo akeneye.
4. Ni kubera iki dukwiye guhimbarwa no gufasha abamamaji bagenzi bacu?
4 Abamamaji bo mu kinjana ca mbere ntibahimbarwa gusa no gufasha abatemera. Barabona kandi akamaro ko kuremeshanya no gukomezanya. (Ivyak. 11:23; 15:32) Intumwa Paulo yaramenyereje umusore Timoteyo maze aca amuremesha kubwira abandi ivyo yari yarize. (2 Tim. 2:2) Iyo tutibagiye gukorera iciza abakirisu bagenzi bacu igihe turi mu busuku, ntituba gusa twongerereje umunezero wabo ariko tuba kandi tuninahaje Data wa twese wo mw’ijuru.—Heb. 13:15, 16.