Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 28 Gitugutu 2013.
1. Kugira “umuzirikanyi wa Kristu” bisobanura iki? (1 Kor. 2:16) [2 Nyak., w08 15/7 rup. 27 ing. 7]
2. Ni mu buryo butandukanye ubuhe “[duhunga] ubusambanyi”? (1 Kor. 6:18) [2 Nyak., w08 15/7 rup. 27 ing. 9; w04 15/2 rup. 12 ing. 9]
3. Paulo yashaka kuvuga iki igihe yandika ko abagore bakwiye “[gucereza] mu mashengero”? (1 Kor. 14:34) [9 Nyak., w12 1/9 rup. 9, uruzitiro]
4. Amajambo ya Paulo ari mu 2 Abakorinto 1:24 agira ico akoze gute ku bakurambere muri iki gihe? [16 Nyak., w13 15/1 rup. 27 ing. 2-3]
5. Ni igiki gishobora kudusunikira ku gutanga tunezerewe igihe duha Yehova? (2 Kor. 9:7) [23 Nyak., w02 15/12 rup. 11, ing. 17]
6. Twokwungukira gute ku kwumvira impanuro ya Paulo dusanga mu Bagalatiya 6:4? [30 Nyak., w12 15/12 rup. 13 ing. 18]
7. “Kugumya ubumwe bw’impwemu” bisaba iki? (Ef. 4:3) [7 Git., w12 15/7 rup. 28 ing. 7]
8. Paulo yabona gute ibintu yari yarahevye? (Flp. 3:8) [14 Git., w12 15/3 rup. 27 ing. 12]
9. Paulo yashaka kuvuga iki igihe yavuga ngo: “Ntidusinzire nk’uko abandi bagira”? (1 Tes. 5:6) [21 Git., w12 15/3 rup. 10 ing. 4]
10. Ni gute urupfu rwo kwitangako inkuka rwa Yezu rwari “incungu y’indinganire”? (1 Tim. 2:6) [28 Git., w11 15/6 rup. 13 ing. 11]