ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 7/12 rup. 8
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2012
Igikorwa dukorera Ubwami—2012
km 7/12 rup. 8

Amatangazo

◼ Ivyo tuzoshikiriza mu mezi ya Mukakaro na Myandagaro: Abamamaji boshobora gukoresha ako ari ko kose mu dutabu tw’impapuro 32 kari mu bubiko bw’ishengero. Nimukoreshe canecane agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? Igihe musubira kugendera abo mwayaze, nimukoreshe n’igitabu Ivyo Bibiliya yigisha canke nimba ari vyo bihuje neza n’ivyo uwo muntu akeneye, mukoreshe agatabu Niwumvirize Imana canke Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera, mugerageze gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Nyakanga na Gitugutu: Umunara w’Inderetsi na Be maso! Igihe musubira kugendera abashimishijwe, nimushikirize igitabu Ivyo Bibiliya yigisha canke bivanye n’ivyo uwo muntu akeneye, mushikirize agatabu Niwumvirize Imana canke Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera, kandi mugerageze gutanguza inyigisho ya Bibiliya.

◼ Indirimbo zirimwo amajambo zo mu kadisiki Chantons à Jéhovah—Version chantée, CD 5 zizoshirwa kuri wa muhora wo kuri Internet jw.org ku wa 1 Myandagaro. Hazobanza gushirwako izo mu congereza, mu nyuma na ho izo mu zindi ndimi. Murashobora gusaba utudisiki tw’izo ndirimbo biciye kw’ishengero. Kubera ko uguhingura utudisiki no kuturungika bitwara amahera menshi gusumba ukuzivoma kuri uwo muhora wacu, abashoboye kuzivoma kuri Internet tubaremesheje kubigira. Twagomba kandi kubamenyesha ko akadisiki ka 1-4 tumaze kuboneka. Vyongeye, akadisiki ka 1 karaboneka mu giswahili.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika