ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/12 rup. 8
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2012
Igikorwa dukorera Ubwami—2012
km 6/12 rup. 8

Amatangazo

◼ Ivyo tuzoshikiriza mu kwezi kwa Rusama: Umunara w’Inderetsi na Be maso! Igihe hari uwugaragaje ugushimishwa, nimumushikirize ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba ushaka kumenya ukuri? mwongere mwihatire gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Igihe musubira kugendera abashimishijwe, harimwo n’abitaba Icibutso canke ayandi maporogarama ya gitewokarasi mugabo bakaba batifatanya n’ishengero bimwe biboneka, murihatire gutanguza inyigisho mukoresheje igitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Ruheshi: Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Nimwihatire gutanguza inyigisho za Bibiliya igihe mugendeye umuntu ari bwo bwa mbere. Nimba abanyamuhana baramaze kuronka ico gitabu bakaba kandi batemeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya, abamamaji boshobora gushikiriza ikinyamakuru ico ari co cose ca kera canke agatabu ako ari ko kose karimwo ibintu bishimisha uwo muntu. Mukakaro na Myandagaro: Abamamaji boshobora gukoresha ako ari ko kose mu dutabu tw’impapuro 32 kari mu bubiko bw’ishengero. Nimukoreshe canecane agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? Igihe musubira kugendera abo mwayaze, nimukoreshe n’igitabu Ivyo Bibiliya yigisha canke nimba ari vyo bihuje neza n’ivyo uwo muntu akeneye, mukoreshe agatabu Niwumvirize Imana canke Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera, mugerageze gutanguza inyigisho ya Bibiliya.

◼ Ya videwo Toute la communauté des frères (Umuryango wacu wose w’abavukanyi) izorimburwa mw’Ikoraniro ry’umurimo mu misi iri imbere. Nimba bikenewe, iyo videwo irakwiye gusabwa biciye kw’ishengero.

◼ Urutonde rw’amakoraniro rwo mu ndwi y’imbere y’ihwaniro ry’intara muzokwitaba rwoshobora guhindurwa kugira mwihweze impanuro n’ivyibutsa bijanye no kwitaba ihwaniro. Haciye ukwezi kumwe canke abiri mugize ihwaniro, mwoshobora gukoresha ikiganiro c’ibikenewe iwanyu mu gusuzuma ivyiyumviro abamamaji bakuye kw’ihwaniro basanze ari ngirakamaro mu busuku.

◼ Igihe cose utegekanya gufata urugendo ku giti cawe ukaba utegekanya no kwitaba ihwaniro ry’intara mu kindi gihugu, ushaka amakuru yogufasha woja ku muhora wa jw.org ugafyonda ahavuga ngo “ Consultation ” (Rondera), umaze kwinjirayo ugaca ufyonda ahanditse ngo “ Assemblées ” (Amahwaniro).

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika