ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/12 rup. 1
  • Niwiyubare igihe uri mu busuku

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwiyubare igihe uri mu busuku
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ivyo bijanye
  • Woba uriko urarangura ubusuku bwawe bimwe bishitse?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Nube kirumara mu busuku urangura
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Uburyo bwo kwamamaza inkuru nziza
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Nukurikize rya Tegeko ry’agakura mu busuku bwawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2012
km 5/12 rup. 1

Niwiyubare igihe uri mu busuku

1. Ni kubera iki bikenewe ko twiyubara igihe turi mu busuku?

1 Nka kurya kw’ “intama mu mabingira,” abasavyi b’Imana bariko baramamaza “mw’iyaruka rihetaraye kandi rigoramanze.” (Mat. 10:16; Flp. 2:15) Mu mihingo nka yose haravugwa amakuru ateye ubwoba yerekeye uruhagarara ruba mu banyagihugu, imigwi y’inkozi z’ikibi be n’ivy’ukunyuruza abantu, ivyo bikaba vyerekana ko abantu b’ababisha bariko “barushiriza kuba babi.” (2 Tim. 3:13) Ni ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe izihe hamwe tuzishize mu ngiro vyodufasha ‘kwiyubara’ mu busuku?—Mat. 10:16.

2. Ni ibintu ibihe bikwiye gutuma umwamamaji ava mu cibare yariko arakoreramwo akaja kwamamaza ahandi?

2 Nukoreshe ubwenge: Mu Migani 22:3 harashimika ku vy’uko ‘kwihisha’ ivyago ari ikintu kiranga ubukerebutsi. Nugume ugavye! Ahantu hari hasanzwe hatekanye ibintu birashobora guhinduka bukwi na bukwi, hakaba nabi. Woshobora kuza ubona abapolisi canke abantu babaye benshi kw’ibarabara. Rimwe na rimwe woshobora kuburirwa n’umuntu w’umutima mwiza. Aho guteba aho hantu ngo urabe ibibaye, woba ubaye umunyabwenge uciye uhava udatebaganye ukaja kubandaniriza igikorwa ahandi.—Imig. 17:14; Yoh. 8:59; 1 Tes. 4:11.

3. Ingingo ngenderwako dusanga mu Musiguzi 4:9 ishobora gute gukora ku bijanye n’ubusuku bwo mu ndimiro?

3 Nukorane n’abandi: Mu Musiguzi 4:9 havuga ko “babiri baruta umwe.” Niba wari usanzwe uja mu ndimiro uri wenyene, woba ubona none ko ata co bitwaye kubandanya ubigenza gutyo? Mu duce tumwetumwe urashobora kuja mu ndimiro wenyene. Ariko mu tundi usanga birimwo akaga ku buryo mushiki wacu canke uwukiri muto atokwikorana wenyene ubusuku bw’inzu ku nzu, canecane buhwibiriye. Ivyagiye biraba vyarerekanye ko gukorana n’abandi mu busuku ari ngirakamaro cane. (Umus. 4:10, 12) Nugume uri maso ku vyogeramira abo muriko mukorera hamwe mu cibare kinaka. Nugire akamenyero ko kwama usezera abandi igihe cose uvuye muri ico cibare.

4. Twokora iki kugira ngo twese abagize ishengero dukingirwe ivyogeramira ubuzima bwacu mu busuku?

4 Kubera ko abakurambere ari bo ‘baguma barinze ubuzima bwacu,’ barafise ibanga ryo gutanga ubuyobozi ngirakimazi buhuye n’ukuntu ibintu vyifashe mu karere iwabo. (Heb. 13:17) Nitwagaragaza ukwifata ruto kuranga abakirisu tukongera tugasenyera ku mugozi umwe n’abakurambere, nta gukeka ko Yehova azoduhezagira. (Mika 6:8; 1 Kor. 10:12) Ese twese uko turi abasavyi b’Imana twogira ico duterereye mu kwamamaza inkuru nziza mu buryo ngirakamaro mu cibare twakebewe, ariko kandi tukama tubigirana ukwiyubara.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika