Bumwe mu buryo butwereka ingene twokoresha ka gatabu Ubutumwa bwo muri Bibiliya
Abantu benshi bo mu cibare cacu, canecane abari mu madini atari ay’abakirisu, usanga batamenyereye Bibiliya. Abamamaji bamwebamwe, igihe baba bariko bariga n’abantu nk’abo mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha, barakoresha kandi ka gatabu Ubutumwa bwo muri Bibiliya kugira ngo babafashe kumenya amakuru y’ishimikiro y’ibiri muri Bibiliya. Nk’akarorero, umuvukanyi umwe yaratanguye kwereka uwo bigana Bibiliya igice ca 1 c’ako gatabu igihe bariko biga ikigabane ca 3 c’igitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Kuva ico gihe, baza bararimburira hamwe ikindi gice co muri ako gatabu igihe cose bahejeje kwiga. Woba ufise abo mwigana Bibiliya bazi bike canke mbere batazi na kimwe ku bijanye na Bibiliya? Kugira ngo ubafashe kumenya ‘ivyanditswe vyeranda, ibishobora kubagira inkerebutsi ku bw’ubukiriro,’ nurabe ko mwoza murarimburira hamwe ako gatabu Ubutumwa bwo muri Bibiliya, igihe cose muhejeje kwiga mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha.—2 Tim. 3:15.