Amatangazo
◼ Ivyo tuzoshikiriza mu kwezi kwa Myandagaro: Ako ari ko kose mu dutabu tw’impapuro 32 dukurikira koba gashimisha abo mu kibano: Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Intwaro Izozana Iparadizo, Inzira Ijana mu Buzima Budahera—Woba Warayitoye?, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, La paix et le bonheur durables — Comment les trouver, Le nom divin qui demeure à jamais, Ni Ibiki Imana Idusaba?, Nos problèmes: qui nous aidera à les résoudre?, Un livre pour tous, hamwe na Vyoba vyararemwe? Nyakanga: Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Nimwihatire gutanguza inyigisho za Bibiliya igihe mugendeye umuntu ari bwo bwa mbere. Nimba abanyamuhana baramaze kuronka ico gitabu bakaba kandi batemeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya, abamamaji boshobora gushikiriza ikinyamakuru ico ari co cose ca kera canke agatabu ako ari ko kose karimwo ibintu bishimisha uwo muntu. Gitugutu: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! Igihe hari uwugaragaje ugushimishwa, nimumushikirize ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba ushaka kumenya ukuri? mwongere mwihatire gutanguza inyigisho ya Bibiliya.
◼ Ya videwo ivuga ngo Les Témoins de Jéhovah — La foi en action, 1re partie : La sortie des ténèbres (Ivyabona vya Yehova—Ingene ukwizera kwabo kwagaragariye mu bikorwa, Igice ca 1: Bava mu mwiza) na ya yindi ivuga ngo Les merveilles de la création révèlent la gloire de Dieu (Ibitangaza vy’irema birahishura ubuninahazwa bw’Imana) zizorimburwa mu Makoraniro y’umurimo yo mu misi iri imbere. Nimba bikenewe, ayo mavidewo arakwiye gusabwa biciye kw’ishengero vuba bishoboka.