Amatangazo
◼ Ivyo tuzoshikiriza mu kwezi kwa Ruheshi: Igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Nimugire akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya igihe mugendeye abantu ari bwo bwa mbere. Mu gihe abamamaji basanze ku muhana umuntu afise ico gitabu, akaba atemeye kwiga Bibiliya, boshobora kumuha igitabu Ubumenyi canke agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? canke Mwame mugavye! Mukakaro na Myandagaro: Ako ari ko kose mu dutabu tw’impapuro 32 dukurikira koba gashimisha abo mu kibano. Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Intwaro Izozana Iparadizo, Inzira Ijana mu Buzima Budahera—Woba Warayitoye?, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, La paix et le bonheur durables — Comment les trouver, Le nom divin qui demeure à jamais, Ni Ibiki Imana Idusaba?, Nos problèmes: qui nous aidera à les résoudre?, Un livre pour tous, hamwe na Vyoba vyararemwe?
◼ Mu rutonde rw’amakoraniro rwo mu ndwi y’imbere y’uko mugira ihwaniro ry’intara mwoshobora kugira ivyo muhinduye kugira ngo musubire mwihweze impanuro n’ivyibutswa bijanye no kwitaba ihwaniro. Haciye ukwezi kumwe canke abiri mugize ihwaniro, mwoshobora gukoresha ikiganiro c’ibikenewe iwanyu kugira mwihweze ivyiyumviro vyashikirijwe kw’ihwaniro abamamaji basanze ari ngirakamaro mu busuku.