Amatangazo
◼ Ivyo tuzoshikiriza mu kwezi kwa Ndamukiza na Rusama: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! Igihe musubira kugendera abashimishijwe, harimwo n’abitaba Icibutso canke ayandi maporogarama ya gitewokarasi mugabo bakaba batifatanya n’ishengero bimwe biboneka, murihatire gutanguza inyigisho mukoresheje igitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Ruheshi: Igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Nimugire akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya igihe mugendeye abantu ari bwo bwa mbere. Mu gihe abamamaji basanze ku muhana umuntu afise ico gitabu, akaba atemeye kwiga Bibiliya, boshobora kumuha igitabu Ubumenyi canke agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? canke Mwame mugavye!
◼ Kuva muri Rusama, amashengero yose akwiye gukoresha uwa gatandatu wa mbere wa buri kwezi kugira yitunire ku gutanguza inyigisho za Bibiliya. Vya biganiro vyo mu Munara w’Inderetsi bifise umutwe uvuga ngo “Niwige Ijambo ry’Imana” vyagenewe gufasha abamamaji muri ivyo. Urupapuro rwa nyuma rw’inomero imwimwe yose y’Igikorwa dukorera Ubwami ruzoba ruriko uburyo bwo gutanguza ibiyago bwo gukoresha mu kwezi gukurikira, harimwo n’uburyo tugiriwe inama bw’ukuntu twotanguza inyigisho ya Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere w’ukwezi.