ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/11 rup. 8
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2011
Igikorwa dukorera Ubwami—2011
km 3/11 rup. 8

Amatangazo

◼ Ivyo tuzoshikiriza mu kwezi kwa Ntwarante: Igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Nimugire akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya. Ndamukiza na Rusama: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! Igihe musubira kugendera abashimishijwe, harimwo n’abitaba Icibutso canke ayandi maporogarama ya gitewokarasi mugabo bakaba batifatanya n’ishengero bimwe biboneka, murihatire gutanguza inyigisho mukoresheje igitabu Ivyo Bibiliya yigisha.

◼ Igihe ubwira inkuru nziza umuntu avuga igishinwa, numwereke urupapuro rwo muri ka gatabu Une bonne nouvelle pour des gens de toutes nations (Inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yose) ruriko igishinwa gisanzwe (chinois) (CH) n’ururiko igishinwa coroheje (chinois simplifié) (CHS) kugira ngo umenye urwo ashima gusoma. Muri rusangi, ab’i Hong Kong canke muri Tayiwani bashima gusoma ibitabu vyanditse mu gishinwa gisanzwe (chinois) (CH), abo mu Bushinwa na bo bagakunda gusoma igishinwa coroheje (chinois simplifié) (CHS). Ariko ku bijanye n’amavidewo canke ivyo kwumviriza gusa, niwiteho kumenya igishinwa uwo ubwira inkuru nziza avuga kandi yumva neza gusumba. Muri rusangi, abo mu Bushinwa n’abo muri Tayiwani barumva igishinwa c’ikimandarini (chinois mandarin) (CHM), ab’i Hong Kong na bo bakumva igishinwa c’igikantone (chinois cantonais) (CHC).

◼ Ya videwo yitwa Les Témoins de Jéhovah : organisés pour proclamer la bonne nouvelle (Ivyabona vya Yehova bagize ishirahamwe ngo bamamaze inkuru nziza) izorimburwa mw’Ikoraniro ry’umurimo rimwe ryo muri Myandagaro. Nimba bikenewe, iyo videwo irakwiye gusabwa biciye kw’ishengero vuba bishoboka.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika