Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 28 Ruhuhuma 2011. Umucungezi w’Ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 20 rishingiye ku mayagwa yarimbuwe mu biganiro vyashikirijwe kuva mu ndwi itangura ku wa 3 Nzero gushika mu ndwi itangura ku wa 28 Ruhuhuma 2011.
1. Ni igikorwa ikihe Hezekiya yatanguje mu ntango y’ingoma yiwe, kandi twomwigana gute muri kino gihe? (2 Ngo. 29:16-18) [w09 15/6 rup. 9 ing. 13]
2. Mu 2 Ngoma 36:21 hashira ahabona gute iranguka ry’ubuhanuzi dusanga muri Yeremiya 25:8-11? [w06 15/11 rup. 32 ing. 1-4]
3. Muri Ezira 3:1-6 hashigikira gute ibimenyamenya bishingiye ku Vyanditswe vyerekana ko imyaka 70 Yeruzalemu yamaze ari umusaka yarangiye ku gihe? [w06 15/1 rup. 19 ing. 2]
4. Ni kubera iki Ezira yajumarariwe igihe yamenya ko Abisirayeli bari babiranye n’abantu bo mu gihugu? (Ezr. 9:1-3) [w06 15/1 rup. 20 ing. 1]
5. Ni kubera iki Nehemiya ‘yatatiye abanyacubahiro n’ivyegera vy’abatware’? (Neh. 5:7) [w06 1/2 rup. 9 ing. 2]
6. Buramatari Nehemiya abera gute akarorero abacungezi bakirisu? (Neh. 5:14-19) [bsi06 rup. 8 ing. 16]
7. Nka kumwe kw’Abisirayeli bo mu gihe ca Nehemiya, twokwirinda gute gufata minenegwe “inzu y’Imana yacu”? (Neh. 10:32-39) [w98 1/11 rup. 16 ing. 12, canke w98-F 15/10 rup. 21 ing. 12]
8. Kuzirikana ku ngendo ya Nehemiya vyoshobora gutuma twibaza ibibazo ibihe? (Neh. 13:31) [w96 1/10 rup. 14 ing. 3, canke w96-F 15/9 rup. 16 ing. 3]
9. Esiteri yoba yarasambanye n’umwami? (Est. 2:14-17) [w06 1/3 rup. 9 ing. 4]
10. Ni kubera iki Morudekayi yanse kwunamira Hamani? (Est. 3:2, 4) [w06 1/3 rup. 9 ing. 5]