Igikorwa giteye akanyamuneza ntangere
1. Ni igikorwa ikihe co gukiza abandi mu buryo bw’impwemu kiriko kirarangurwa muri kino gihe?
1 Mu kinjana ca mbere, abantu baragira akanyamuneza kenshi biboneye abakizwa mu buryo bw’umubiri. (Luka 5:24-26) Muri kino gihe, turahimbarwa n’igikorwa co gukiza abandi mu buryo bw’impwemu. (Ivyah. 22:1, 2, 17) Ese ingene bidukora ku mutima igihe dusomye ivyabonywe vyerekana ukuntu Ijambo rya Yehova be n’impwemu yiwe bihindura ubuzima bw’abantu! Ariko rero igihimbaye kuruta ico ni ukugira uruhara muri ico gikorwa mu kuyobora inyigisho ya Bibiliya itera imbere.
2. Ni akanyamuneza akahe twoshobora kwironkera uko twigisha umuntu ukuri?
2 Imana yitwa nde? Ni kubera iki ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro? Ubwami bw’Imana buzokorera iki umuryango w’abantu? Ntiduhimbarwa gusa n’ukwishura mwene ivyo bibazo, ariko kandi turahimbarwa n’ukwibonera ingene umutohoji akanyamuneza kamusya igihe amenye ukuri. (Imig. 15:23; Luka 24:32) Uko umutohoji atera imbere, yoshobora gutangura gukoresha izina ry’Imana, agahindura ingene yambara n’ingene yitunganya, akavavanura n’ingeso mbi, agatangura no kubwira abandi inkuru nziza. Ateye imbere akiyegura maze akabatizwa, aca acika umuvukanyi wacu akaba n’uwo dukorana. Imwe yose muri izo ntambwe atera ituma tugira akanyamuneza.—1 Tes. 2:19, 20.
3. Ni ibiki twokora kugira ngo dutanguze inyigisho ya Bibiliya?
3 Woba wokigiramwo uruhara? Nimba wipfuza kugira uruhara muri ico gikorwa giteye akanyamuneza ntangere, nusabe Yehova agutere agateka ko kuyobora inyigisho ya Bibiliya, uheze ukore ibihuje n’amasengesho yawe. (1 Yoh. 5:14) Niwamamaze mu bibanza ushobora gusangamwo abantu no mu mwanya ushobora kubasangaho. Igihe cose akaryo keza kabonetse, nubasabe mwigane Bibiliya. (Umus. 11:6) Igihe uronse uwushimishwa maze ukabiba imbuto z’ukuri, nugaruke kuzivomera.—1 Kor. 3:6-9.
4. Ni kubera iki tworondera gutanguza inyigisho za Bibiliya, tubona ko vyihutirwa?
4 Haracariho abantu injojo bashonje kandi banyotewe ubugororotsi. Ni nde none azobayoborera inyigisho ya Bibiliya kugira abafashe kuronka ivyo bakeneye mu vy’impwemu? (Mat. 5:3, 6) Nimuze twitange tubikunze kugira ngo dusozere ico gikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa imbere y’uko iyimbura rirangira.—Yes. 6:8.