ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/10 rup. 4
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2010
Igikorwa dukorera Ubwami—2010
km 9/10 rup. 4

Amatangazo

◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza mu mezi ya Nyakanga: Hazoshikirizwa igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Nimugire akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya igihe mugendeye abantu ari bwo bwa mbere. Gitugutu: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! Igihe hari abagaragaje ugushimishwa, nimubashikirize ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba ushaka kumenya ukuri? maze mwihatire gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Munyonyo: Agatabu Bibiliya irimwo ubutumwa ubuhe? Amakuru y’ido n’ido ajanye n’isekeza rizoba kw’isi yose ryo gukoresha ako gatabu azotangwa mu nyuma. Vyongeye, udutabu dukurikira twoshobora gushikiriza: Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Inzira Ijana mu Buzima Budahera—Woba Warayitoye?, Un livre pour tous.

◼ Insiguro y’icese idasanzwe yo mu kiringo c’Icibutso co mu 2011 izoshikirizwa mu ndwi yo ku wa 25 Ndamukiza 2011. Umutwe w’iyo nsiguro uzomenyeshwa hanyuma. Amashengero azoba yagendewe n’umucungezi w’umuzunguruko canke azoba afise iteraniro kuri iyo mpera y’umushamvu, azoshikirizwa iyo nsiguro idasanzwe ku ndwi ikurikira. Nta shengero na rimwe rikwiye kuzoshikirizwa iyo nsiguro imbere yo ku wa 25 Ndamukiza.

◼ Guhera mu ndwi itangura ku wa 14 Ntwarante 2011, mu Nyigisho ya Bibiliya y’ishengero tuzokwiga igitabu ‘Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana.’ Amashengero akeneye ibindi bitabu mwene ivyo akwiye kubisaba mu vyo azosaba ubukurikira.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika