ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/10 rup. 1
  • Ijisho ryawe ryoba riremuruye?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ijisho ryawe ryoba riremuruye?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ivyo bijanye
  • Nugume uremuruye ijisho ryawe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Kworosha ubuzima biradufasha gushemeza Imana
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Isubiramwo ry’Umusi w’iteraniro ridasanzwe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Impanuro ziranga ubukerebutsi zerekeye ijisho
    Be maso!—2012
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2010
km 6/10 rup. 1

Ijisho ryawe ryoba riremuruye?

1. Bisobanura iki kugira ‘ijisho riremuruye’?

1 Ivyo amaso yacu aguma yitegereza biragira ico bikoze ku vyo dukora. Ese ukuntu ya majambo Yezu yavuga abereye, na yo akaba agira ati: “Nimba rero ijisho ryawe riremuruye, umubiri wawe wose uzokayangana”! (Mat. 6:22) Igihe ijisho ryacu “riremuruye” mu buryo bw’impwemu, riba ryituniye ku mugambi umwe rudende, na wo ukaba ari uwo gukora ivyo Imana igomba. Turashira Ubwami mu kibanza ca mbere, ntidusamazwe n’ibintu vy’umubiri bidakenewe canke ibikorwa bidakenewe bibera intambamyi ubusuku.

2. Ni ibiki vyoshobora gutuma tubona ibintu ukutari kwo, ariko ni ibiki bizodufasha?

2 Turakeneye kwisuzuma: Ivyo ibimenyeshamakuru bihayanisha ibidandazwa usanga bitubwira ko dukeneye, canke ivyo abandi batunze, birashobora gutuma tubona ibintu ukutari kwo. Imbere yo gukurikirana umugambi kanaka canke kugura ikintu kanaka, bikaba bizosaba ko dukoresha umwanya munini, uburyo bwinshi canke inguvu nyinshi, vyoba vyiza ‘duharuye ivyosohoka’ mu kwibaza duti: ‘Vyoba bizoryohora umurimo ndangurira Yehova canke vyoba bizowubera intambamyi?’ (Luka 14:28; Flp. 1:9-11) Uko haciye igihe, vyoba kandi biranga ubukerebutsi tugiye turarimbura ukuntu tworushiriza kworosha ubuzima bwacu kugira ngo turushirize gukora vyinshi mu busuku.—2 Kor. 13:5; Ef. 5:10.

3. Ni icigwa ikihe twigira kuri mushiki wacu umwe yagize ivyo ahinduye kugira ngo yoroshe ubuzima bwiwe?

3 Igihe mushiki wacu umwe yatangura ubutsimvyi busanzwe, yahisemwo kugumana akazi kamusaba gukora amasaha menshi naho ak’amasaha makeyi kari kumuronsa uburyo buhagije bwo kwikenura. Yahavuye avuga ati: “Nta woshobora gushumbira ba shebuja babiri. Nabwirijwe guheba ivyo nipfuza kugira ngo nitwararike ivyo nari nkeneye. Narabonye yuko ibintu vy’umubiri biteba bigasaza mbere bikaturambira, ndabona kandi ko kuvyiruka inyuma vyotumye nsanzara.” Uwo mushiki wacu vyaramukundiye ko agira ivyo ahinduye kugira ngo yoroshe ubuzima bwiwe, biranamukundira ko arondera akandi kazi maze bituma abandanya umurimo w’ubutsimvyi.

4. Ni kubera iki vyihutirwa ko tugumana ijisho riremuruye ubu?

4 Kuba ibintu vyihutirwa muri ibi bihe tubayemwo bituma birushiriza gukenerwa ko tugumana ijisho riremuruye. Uko umusi urenganye ni ko tuba duteye intambwe y’umusi umwe twegereza iherezo ry’ivy’iyi si, twegereza n’intango y’isi nshasha y’Imana. (1 Kor. 7:29, 31) Twituniye ku gikorwa co kwamamaza, turashobora kwikiza tugakiza n’abatwumviriza.—1 Tim. 4:16.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika