Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 26 Ndamukiza 2010. Umucungezi w’Ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 20 rishingiye ku mayagwa yarimbuwe mu biganiro vyashikirijwe kuva mu ndwi itangura ku wa 1 Ntwarante gushika mu ndwi itangura ku wa 26 Ndamukiza 2010.
1. Nawomi yashaka kuvuga iki igihe yavuga ngo “Uhoraho ko yantuntuje, kandi Rugira Vyose akaba yanteye ivyago”? (Rusi 1:21) [w05 1/3 rup. 27 ing. 1]
2. Ni kamere izihe zatumye Rusi aba “umugore aroranye”? (Rusi 3:11) [w05 1/3 rup. 28 ing. 7]
3. Ni akarorero keza akahe Elukana na Hana baha abavyeyi bakirisu? (1 Sam. 1:28) [w07 15/3 rup. 17 ing. 3]
4. Ni igiki catumye ukuba Abisirayeli barasavye guhabwa umwami biba ibitabereye? (1 Sam. 8:5) [w05 15/9 rup. 20 ing. 17]
5. Igihe Samweli yari ‘ashaje, ameze imvi,’ yerekanye gute ko ari intangakarorero mu vyo gusenga asabira abandi, kandi ivyo vyerekana iki? (1 Sam. 12:2, 23) [w07 1/6 rup. 29 ing. 14-15]
6. Ni kubera iki Sauli yitwararitse Abanyakeni bimwe bidasanzwe? (1 Sam. 15:6) [w05 3/15 rup. 22 ing. 10]
7. Ni igiki catumye Sauli abaza Dawidi ngo “Harya uri mwene nde, ga wa muhungu?” (1 Sam. 17:58) [w07 1/8 rup. 31 ing. 3, 5]
8. Ni igiki dushobora kwigira ku kuntu Dawidi yatoreye umuti ikibazo gikomeye i Gati? (1 Sam. 21:12, 13) [w05 15/3 rup. 24 ing. 5]
9. Ni gute Yonatani yagaragaje urukundo n’ukwicisha bugufi igihe vyari bikenewe ko ashigikira umugenzi wiwe Dawidi akongera akamuremesha? (1 Sam. 23:17) [lv rup. 28-30 ing. 10, akajambo k’epfo.]
10. Ni icigwa ikihe dukura ku mubonano Sauli yagiranye n’umupfumukazi w’i Endori? (1 Sam. 28:8-19) [w05 15/3 rup. 24 ing. 8]