Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 22 Ruhuhuma 2010. Umucungezi w’Ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 20 rishingiye ku mayagwa yarimbuwe mu biganiro vyashikirijwe kuva mu ndwi itangura ku wa 4 Nzero gushika mu ndwi itangura ku wa 22 Ruhuhuma 2010.
1. Ni icigwa ikihe dukura ku kuntu ingorane ivugwa muri Yosuwa 22:13-34 yatorewe umuti? [w08 15/11 rup. 18 ing. 2, 3]
2. Ni igiki gitegerezwa kuba caratumye Yosuwa avuga amajambo ari muri Yosuwa 24:14, 15, kandi ivyo bikwiye kugira ico bidukozeko gute? [w08 15/5 rup. 17-18 ing. 4-6]
3. Ni mu buryo bumwe ubuhe abasenga Bayali be n’uburyo bwabo bwo gusenga vyabereye umutego Abisirayeli vyongera birabakwegakwega? (Abac. 2:3) [w08 15/2 rup. 27 ing. 2-3]
4. Ukwifata ruto kwa Gideyoni kutwigisha ivyigwa bitatu bihambaye ibihe? (Abac. 8:1-3, 22, 23) [w05 15/1 rup. 26 ing. 4]
5. Ni indemesho iyihe turonka igihe dusuzumye uburyo Yehova yarokoye Gideyoni be n’abantu biwe 300? (Abac. 7:19-22) [w05 15/7 rup. 16 ing. 8]
6. Ni mu buryo ubuhe Yehova yagize “ikigumbagumba mu mutima kubgo kubona imibabaro y’Abisirayeli”? (Abac. 10:16) [cl rup. 254-255 ing. 10-11]
7. Yefuta yoba yari afise mu muzirikanyi ivyo gutanga ikimazi c’umuntu igihe yagira isezerano? (Abac. 11:30, 31) [w05 15/1 rup. 26 ing. 1]
8. Ububasha bwa Samusoni bwoba neza na neza bwari mu mishatsi yiwe? (Abac. 16:18-20) [w05 15/3 rup. 28 ing. 5-6]
9. Gutahura igikorwa gitangaje Samusoni yakoze kivugwa mu Bacamanza 16:3 bishobora gute kudufasha? [w04 15/10 rup. 15-16 ing. 7-8]
10. Ni kubera iki intoke z’ibikumu be n’amano manini vy’abami baba batsinzwe vyacibwa? (Abac. 1:6, 7) [w05 1/15 rup. 24 ing. 6]