Ibikurubikuru vyo mu murimo wo mu ndimiro
Umurimo wo mu ndimiro twaranguye muri Mukakaro wararemesha cane. Tugereranije no mu kwezi guheze, amashengero yariyongereye aba 160. Yatanze raporo y’abamamaji b’inkuru nziza 8.736. Abo bamamaji batanze raporo y’amasaha 253.638, kandi ibinyamakuru 38.371 birashikirizwa abantu bashimishwa. Harabaye igitigiri gishasha c’abatsimvyi basanzwe 948.