Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Ruheshi: Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Nimba abo usanze ku muhana baramaze kuronka ico gitabu, abamamaji barashobora gushikiriza igitabu Senga Imana Yonyene y’Ukuri, Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera, canke agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? Mukakaro na Myandagaro: Abamamaji boshobora gukoresha agatabu ako ari ko kose k’impapuro 32 kari mu bubiko. Nyakanga: Hazoshikirizwa igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Igihe cose bishoboka, abamamaji bazokwihatira gutanguza inyigisho za Bibiliya igihe bagendeye umuntu ari bwo bwa mbere, kandi bakaba bamuhaye ico gitabu. Niwereke abo usanze ku muhana ukuntu bashobora kucungukirako mu kwerekana muri make ingene inyigisho ya Bibiliya igirwa.
◼ Udukarata karanzi tuzohabwa abamamaji bose biciye kw’ishengero. Abazoba barungitswe kw’ihwaniro mpuzamakungu bazokoresha bene utwo dukarata karanzi nyene.
◼ Mu gihe utegekanya kwitaba amakoraniro y’ishengero, amateraniro canke amahwaniro mu kindi gihugu, amakuru yerekeye amatariki, amasaha be n’aho bizobera ukwiye kuyasaba ku biro vy’ishami bihagarikiye igikorwa muri ico gihugu. Aderese z’ibiro vy’amashami uzisanga ku rupapuro rwa nyuma rw’igitabu c’umwaka (Annuaire) kigezweko.
◼ Urutonde rw’amakoraniro rwoshobora guhindurwa kugira ngo bibashobokere kwitaba Ihwaniro ry’intara ryataziriwe ngo ‘Mugume muri maso!’ Kw’Ikoraniro ry’umurimo rya nyuma rizogirwa imbere y’uko mwitaba iryo hwaniro, murakwiye gusuzuma impanuro be n’ivyibutswa bihuye n’uko ibintu vyifashe aho iwanyu. Haciye ukwezi kumwe canke abiri mugize ihwaniro, igice c’ibikenewe iwanyu coshobora gukoreshwa mu gusuzuma ivyiyumviro abamamaji bakuye kw’ihwaniro basanze ari ngirakamaro mu busuku.