ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/08 rup. 3
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2008
Igikorwa dukorera Ubwami—2008
km 9/08 rup. 3

Amatangazo

◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza mu kwezi kwa Nyakanga: Hazokoreshwa igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Dukwiye kugira akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho ya Bibiliya tukigendera umuntu ari bwo bwa mbere. Nimba abo usanze ku muhana baramaze kuronka ico gitabu, nubasigurire ingene bashobora kucungukirako mu kubereka muri make ukuntu inyigisho ya Bibiliya igirwa. Gitugutu: Hazoshikirizwa ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Igihe hari abashimishijwe, nimubashikirize ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya?, mwongere mukaganireko mufise intumbero yo gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Munyonyo: Hazoshikirizwa igitabu Ivyo Bibiliya yigisha hongere hagirwe akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya. Igitabu Ubumenyi na co nyene coshobora gushikirizwa kugira umuntu acisomere. Kigarama: Hazoshikirizwa igitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose. Niba abantu bavuze ko bafise abana, nimubashikirize igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye.

◼ Kubera yuko ukwezi kwa Munyonyo kuzoba gufise impera z’umushamvu zitanu, kuzoba ari ukwezi kwiza kwo gukoramwo ubutsimvyi bwo gufasha.

◼ Insiguro y’icese idasanzwe yo mu kiringo c’Icibutso co mu 2009 izoshikirizwa mu ndwi yo ku wa 20 Ndamukiza 2009. Umutwe w’iyo nsiguro uzomenyeshwa mu gihe kiza. Amashengero azoba yagendewe n’umucungezi w’umuzunguruko canke azoba afise iteraniro kuri iyo mpera y’umushamvu, azoshikirizwa iyo nsiguro ku ndwi ikurikira. Nta shengero na rimwe rikwiye kuzoshikirizwa iyo nsiguro imbere yo ku wa 20 Ndamukiza.

◼ Amashengero arakwiye gutangura gusaba imbumbe z’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! z’umwaka wa 2008, Index des publications Watch Tower 2008 be n’akadisiki gakoranirijwemwo ibisohokayandikiro vy’ishirahamwe ko mu mwaka wa 2008 (CD-ROM Watchtower Library—Edition 2008), ku nkaratasi zo gusabirako ibisohokayandikiro zimirije kurungikwa. Muramenya yuko ako kadisiki karonswa abagize ishengero kandi ko kaboneka gusa biciye kw’ishengero. Abamamaji bakoresha cane ako kadisiki ka Watchtower Library kandi bakaba batagikoresha imbumbe, barakwiye kuraba niba bakeneye kuzisaba.

◼ Uwagenywe n’umucungezi muhagarikizi akwiye gusuzuma amakonte y’ishengero y’amezi ya Ruheshi, Mukakaro na Myandagaro. Uwo muntu nyene ntakwiye kwikurikiranya gusuzuma amakonte. Iryo suzuma rimaze kurangira, bikwiye gutangarizwa ishengero muri raporo y’ivy’amakonte izoshikiririzwa ubutaha.—Raba Instructions pour la comptabilité des congrégations (S-27).

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika