Ukwitegura ni ntahara kugira umuntu agire amasubirayo ari n’ico avamwo
1. Ni mu buryo ki ubusuku bwa gikirisu bwo mu ntango bwokwaguwe?
1 Yezu yarateguye neza abigishwa biwe kugira ngo babe abamamaji b’“inkuru nziza y’ubwami” babishoboye. (Mat. 4:23; 9:35) Ukwo kumenyerezwa kwabereye mu karere ka Palesitina gusa. Ariko rero, imbere y’uko Yezu aduga mw’ijuru, yaramenyesheje yuko ubusuku bwa gikirisu bwokwaguwe cane kugira ngo ‘abantu bo mu mahanga yose bahindurwe abigishwa.’—Mat. 28:19, 20.
2. Kugamburuka itegeko rya Yezu ryo ‘guhindura abantu abigishwa’ birimwo iki?
2 Ico gikorwa cobaye kirimwo gusubira kugendera abantu bagaragaje ugushimishwa n’inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana no kubigisha gukurikiza ibintu vyose Kristu yategetse. Kugira ngo tugire amasubirayo nk’ayo avamwo ivyiza, turakeneye kwitegura neza.
3. N’igihe mbere woba ugendeye umuntu ari bwo bwa mbere, ni gute wocira inzira isubirayo?
3 Niwitegure imbere y’igihe: Abamamaji bamwebamwe baragerageza kuvyura ikibazo bagira barangize kuyaga n’uwo bagendeye ari bwo bwa mbere, maze bakamusezeranira kuzogaruka kugira barimbure inyishu yaco. Basanze gukoresha amakuru ari mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha igihe basubira kuraba uwo muntu, vyarabafashije guca ubwo nyene batanguza inyigisho ya Bibiliya.
4. Ni kubera iki tudakwiye kurindira ko turonka ibinyamakuru bishasha kugira ngo tugire isubirayo?
4 Kuba dufise ubwoko bumwe bw’ibinyamakuru dushikiriza buri kwezi, ntibisobanura ko dukwiye kurindira gushika turonse ivyo mu kwezi gukurikira kugira ngo dusubire kuraba uwo tuba twarasigiye ibinyamakuru. Hari aho twoshobora gukomeza ugushimishwa kw’uwo muntu mu kuganira na we ku makuru ari muri ico kinyamakuru amaze kuronka.
5. Kugira intumbero mu muzirikanyi bifise akamaro akahe?
5 Niwishirireho intumbero: Imbere y’uko usubirayo, nufate umwanya mutoyi wo kuraba utwo wiyandikiye igihe wari mu busuku, wongere urabe neza ico wipfuza gushikako. Nk’akarorero, nurimbure iciyumviro kiri mu gisohokayandikiro uheruka kumusigira. Canke, numusigire ikindi gisohokayandikiro kivuga ibijanye n’ivyo mwaganiriye ubuheruka. Nimba hari ikibazo wavyuye igihe muherukana, nta nkeka ko mu ntumbero yawe harimwo no kwishura ico kibazo. Igihe ukoresha icanditswe gishigikira iciyumviro uriko urashikiriza, nugerageze guca ugisoma muri Bibiliya.
6. Ni intumbero iyihe tuba dufise igihe dusubira kuraba abo twaganiriye?
6 Intumbero yacu: Birumvikana ko intumbero yacu ari iyo gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Umuvukanyi umwe yarasavye uwo yari asubiye kugendera ko bogira inyigisho ya Bibiliya, ariko nya mugabo yaranse. Uwo muvukanyi yarasubiyeyo ajanye ibinyamakuru vyari biherutse gusohoka maze avuga ati: “Uno musi, turashima kwishura abantu tugendeye ku kibazo kimwe gishingiye kuri Bibiliya.” Uwo muvukanyi amaze kwumviriza ivyiyumviro vy’uwo mugabo, yaciye amusomera icanditswe be n’ingingo ijanye na co mu gisohokayandikiro gikoreshwa mu kurongora inyigisho za Bibiliya. Ivyo vyatumye aronka inyigisho ya Bibiliya arongora adahorereza.
7. Kwitegura neza vyagufashije gute gutanguza inyigisho ya Bibiliya?
7 Akigoro tugira mu gufata umwanya wo kwitegura tugira tuje kuraba abo twaganiriye si impfagusa. Umunezero wacu uzokwongerekana, kandi twoshobora kuronka agateka ko gufasha umuntu “[afise] agatima kabereye” gutora inzira ijana mu buzima.—Ibik. 13:48.