ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/08 rup. 3
  • Inyishu ku bibazo vyanyu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu ku bibazo vyanyu
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ivyo bijanye
  • Yehova ariko aratumenyereza muri iki gikorwa
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ishure Rituronsa Ivyangombwa Kugira ngo Dukore Ibikorwa Bihambaye Kuruta Ibindi mu Buzima
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Kubera iki twogaragaza ko dukenguruka?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Inyobozo Zihabwa Abacungezi b’Ishure
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2008
km 5/08 rup. 3

Inyishu ku bibazo vyanyu

◼ Vyoba bibereye ko abumviriza bakoma amashi igihe cose ikiganiro kinaka co mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi be no mw’Ikoraniro ry’umurimo kirangiye?

Igihe Umuremyi Yehova yarema isi, “inyenyeri zo mu gaturuturu [zararirimbiye] hamwe, n’abana b’Imana bose [basesereza] impundu.” (Yobu 38:7) Abo bana b’Imana b’abamarayika bipfuza gushemeza Yehova kubera igikorwa ciwe kidasanzwe co kurema, ubwo bukaba bwari ubundi buryo bwo kugaragaza ubukerebutsi bwiwe, ukumera neza kwiwe be n’ubushobozi afise.

Tuba tugize ikintu ciza igihe duseruye ko dukenguruka bimwe bivuye ku mutima utwigoro abavukanyi bacu baba bagize be n’ibiganiro baba bashikirije. Nk’akarorero, dusanzwe dukoma amashi iyo hashikirijwe insiguro be n’imyerekano mu gihe c’imitororokano idasanzwe, nko ku materaniro no ku mahwaniro. Ikiganiro kiba cashikirijwe ng’aho kiba catwaye umwanya utari muto be n’utwigoro tutari duke mu kugitegura. Gukoma amashi ntivyerekana gusa ko dukenguruka igikorwa kitoroshe umushikirizansiguro yakoze ariko kandi birerekana ko dukenguruka inyigisho Yehova atanga biciye kw’Ijambo ryiwe be no kw’ishirahamwe ryiwe.—Yes. 48:17; Mat. 24:45-47.

Tuvuge iki none ku bijanye no gukoma amashi uko ikiganiro kinaka co mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi be no mw’Ikoraniro ry’umurimo kirangiye? Nta tegeko na rimwe rihari ribuza gukoma amashi igihe ari ibintu biciye vyizana, nk’akarorero igihe umunyeshure ahejeje gushikiriza ikiganiro ciwe ca mbere. Ariko rero, gukoma amashi birashobora gucika nk’umugenzo bitagoranye gutyo bigatakaza insobanuro yavyo. Ku bw’ivyo, ntitwama dukoma amashi igihe ico ari co cose ikiganiro gihejeje gushikirizwa.

Naho tutokoma amashi ku biganiro nka vyose vyo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi canke mw’Ikoraniro ry’umurimo, hariho ubundi buryo twese dushobora kwerekana ko dukenguruka izo nyigisho be n’utwigoro abashikirije ivyo biganiro baba bagize. Ivyo turashobora kubigira mu kuguma duteze yompi tugakurikira neza bene kubishikiriza. Ikoraniro rirangiye na ho, akenshi birashoboka ko umuntu ku giti ciwe abegera akabakengurukira ku twigoro bagize.—Ef. 1:15, 16.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika