Inyishu ku bibazo vyanyu
◼ Vyoba bibereye ko Icabona ca Yehova avurirwa mu bitaro birongowe n’ishirahamwe ry’ivy’idini, canke ko aja mu kigo kijejwe kubungabunga abageze mu zabukuru kirongowe n’ishirahamwe bene iryo?
Amashirahamwe atandukanye y’ivy’idini ararongora ibitaro canke ibigo bijejwe kubungabunga no kuvura abageze mu zabukuru. Muri rusangi, usanga intumbero nyamukuru y’ivyo bitaro canke y’ivyo bigo atari iyo guteza imbere Babiloni Akomeye. (Ivyah. 18:2, 4) Mu ntango vyoshobora kuba vyashinzwe kugira ngo ishirahamwe rinaka ry’ivy’idini rize ririnjiza amahera. Muri iki gihe, ibitaro bimwebimwe usanga vyitirirwa idini rinaka kw’izina gusa, mu gihe ibindi na vyo usanga mu babikoramwo hakirimwo abakuru b’amadini.
Mu gihe Icabona ca Yehova akeneye kuvurwa canke kuja mu kigo kijejwe kubungabunga abageze mu zabukuru, ni we ategerezwa kwifatira ingingo nimba yoja canke atoja mu bitaro kibure mu kigo gishobora kuba gifise ico gipfana n’ishirahamwe rinaka ry’ivy’idini. Ijwi ryo mu mutima ry’umwe ryoshobora kubimwemerera, ariko iry’uwundi rikabimubuza. (1 Tim. 1:5) Hariho ibintu umuntu yoshobora kwisunga kugira ngo afate ingingo, bikaba vyoba vyiza abirimbuye.
Nk’akarorero, ibitaro binaka canke ikigo kinaka kijejwe kubungabunga abageze mu zabukuru vyitirirwa idini vyoshobora kuba ari vyo vyonyene biri hafi y’aho uba. Canke, naho hoba hari ikindi kigo mu micungararo, ugasanga igifitaniye isano n’idini ni co gikora neza kuruta. Bene ivyo bitaro vyitirirwa idini vyoshobora kuba ari vyo vyonyene bifise ibikoresho bikenewe kugira uvurwe, canke hakaba ariho honyene umuganga wawe kibure uwukubaga ashobora kukuvurira. N’ikindi kandi, rimwe na rimwe ibitaro bifise ico bipfana n’idini vyoshobora kuba vyubahiriza ukuntu, wewe bwa mukirisu, ubona ikoreshwa ry’amaraso, mu gihe ibindi bitaro bimwebimwe vy’abikorera utwabo canke vya leta vyoba bitavyubahiriza. Ivyo rero ni ibintu bimwebimwe ushobora kurimbura igihe ufata ingingo y’aho woja.
Hamwe wohitamwo kuja mu bitaro canke mu kigo kijejwe kubungabunga abageze mu zabukuru bifise ico bipfana n’idini, woshobora kubona amahera utanze nk’aho uyarishe gusa ku bw’igikorwa bakugiriye. Woshobora kubona iryo shirahamwe ryegukira idini nk’aho ririko riradandaza, ku buryo utanze amahera ngo rikugirire ikintu kanaka utoba utanze n’ibigirankana intererano yo gushigikira idini ry’ikinyoma. Woba gusa utanze amahera ku bw’ikintu kinaka baguhaye canke ku bw’igikorwa kinaka bakugiriye.
Ego niko, kubera yuko uri umukirisu, mu bihe bene ivyo utegerezwa kuraba neza kugira ngo ntuje mu kintu na kimwe kijanye n’ugusenga kw’ikinyoma. N’ikindi kandi, ntukwiye gukoresha amazina y’icubahiro akunda gukoreshwa mu vy’idini, nka “Patiri” canke “Māma,” mu kuvuga canke kuvugisha abantu boba bakora kuri ivyo bitaro canke muri ico kigo canke abaje kuhagendera. (Mat. 23:9) Ukwiye kuraba neza ko ivyo ugiriranira n’ivyo bitaro canke ico kigo bigarukira gusa ku vyo bagukorera nawe ugatanga amahera.
Igihe winjiye ivyo bitaro, woshobora kuvuga ko uri Icabona ca Yehova kandi ko wipfuza kugenderwa n’abakurambere bo mw’ishengero ryo muri ako karere. Ivyo bizotuma ushigikirwa neza mu vy’impwemu igihe cose uzomara ngaho.—1 Tes. 5:14.
Abo mu muryango bizera, abakurambere bo muri ako karere, be n’abandi bo mw’ishengero barakwiye kubona ko bajejwe kwitwararika mu vy’impwemu abavukanyi n’abavukanyikazi bageze mu zabukuru baba mu bigo bijejwe kubabungabunga, na canecane igihe ivyo bigo vyegukira ishirahamwe ry’ivy’idini. Bakoranye umwete muri uwo muce, bizoremesha cane bene abo bantu bageze mu zabukuru, vyongere bibarinde kugwa mu mutego wo kwifatanya n’abandi mu bihe vyo gusenga mu yandi madini, kuja mu misi mikuru yayo, canke mu bintu bisa n’ivyo bibera aho hantu.
Umwumwe wese afise ibi vyiyumviro mu muzirikanyi, azorimbura ibintu vyose bijanye n’ico kibazo, hanyuma ace yifatira ingingo yo guhitamwo ibitaro canke ikigo yojamwo.—Gal. 6:5.