ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/08 rup. 7
  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2008
Igikorwa dukorera Ubwami—2008
km 3/08 rup. 7

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Vyabona vya Yehova bakundwa dusangiye igikorwa:

Intumwa Paulo ntiyagisha akaryo na kamwe yaba aronse ko kugaragariza urukundo abo basangiye ukwizera no kubakengurukira. Yandikiye abakirisu b’i Roma ati: “Ndakengurukira Imana yanje biciye kuri Yezu Kristu ku biberekeye mwese, kubera ko ukwizera kwanyu kuvugwa mw’isi yose.” (Rom. 1:8) Nkako, mu nganji nganzasi y’Uburoma iyo iva ikagera, abo bakirisu bo mu kinjana ca mbere bari bazwi ko bafise ukwizera gukomeye be n’uko ari abanyamwete mu gikorwa co kwamamaza. (1 Tes. 1:8) Ntibitangaje kuba Paulo yari afitiye abo bavukanyi biwe urukundo nk’urwo rugera kure!

Nk’ukwo kwa Paulo, turakengurukira Yehova igihe cose tubiyumviriye. Mwese turabakunda cane! Kandi urashobora kwemera udakeka ko Yehova agukunda wewe ubwawe. Bamwe muri mwebwe bariko barashikirwa n’uruhamo rukomeye, ariko muguma mwamamaza. Ese ukuntu agatima k’ubujijutsi no kudatinya mugaragaza gategerezwa kuba gatuma umutima wa Yehova unezerwa!—Imig. 27:11.

Igitabu Annuaire c’uno mwaka kiratanga ibimenyamenya umuyoro vyerekana ko Umukama Yezu Kristu ariko agenda “atsinda no kugira ngo anonosore intsinzi yiwe” be n’uko ata kirwanisho na kimwe cacuriwe kurwanya abayoboke ba Kristu kizotsinda.—Ivyah. 6:2; Yes. 54:17.

Paulo yandikiye abakirisu b’i Filipi ati: “Nshimira Imana yanje . . . kubera umuganda mwaterereye ku nkuru nziza.” (Flp. 1:3-5) Na twebwe abagize Inama Nyobozi twumva tumerewe nk’ukwo nyene ku biberekeye. Mu mwaka w’umurimo wa 2007, abamamaji 6.691.790 bamaze amasaha 1.431.761.554 bariko baramamaza inkuru nziza mu bihugu 236 vyo hirya no hino kw’isi. Mbega akigoro kadasanzwe muriko muragira kugira ngo inkuru nziza itere imbere nk’umuzinga! Nimwiyumvire abantu ibihumbi amajana n’amajana bafashijwe biciye ku twigoro twese twagize, ivyo vyose bikagirwa ku bw’ugushemeza Yehova!

Ikindi gihe, Paulo yarerekanye ko yari afitiye abavukanyi biwe impuhwe nyinshi. Yandikiye ababa i Tesalonika ati: “Twibuka ubudahengeshanya . . . ukwihangana kwanyu kubera icizigiro mufise mu Mukama wacu Yezu Kristu imbere y’Imana yacu ikaba na Data.” (1 Tes. 1:2, 3) Ni vyo, nta muntu abaho adafise ingorane. Ingorane zirashika, mugabo birahambaye ko tuzihanganira. Ni ingorane izihe wewe ubwawe urimwo? Woba wavunitse umutima bitumwe n’uko hari indwara yagusesereje igatuma udashobora gukora mu murimo wa Yehova nk’uko wavyipfuza? Hoba haciye igihe uwo mwari mwubakanye wikundira atwawe n’umwe muri ba bansi batigera bahaga, ari we kuzimu? (Imig. 30:15, 16) Woba uriko urarondera uwo mwubakana akunda Yehova nkawe, mugabo ugasa n’aho utamuronka, ariko ukaguma wumiye ku mpanuro yo mu Vyanditswe isaba kwubaka mu Mukama gusa? (1 Kor. 7:39) Woba uriko uragwa uvyuka kugira ngo urere abana bawe mugabo ukaba uzigirijwe n’ubukene butagira uko bungana? Uko ivyanyu vyoba vyifashe kwose, mugumije ivy’Ubwami imbere y’ibindi, murashobora kwizigira mudakeka ko Yehova ‘atazokwibagira igikorwa canyu n’urukundo mwerekanye ku bw’izina ryiwe.’ Turabasavye bavukanyi namwe bavukanyikazi ‘ntimuhebe gukora iciza’!—Heb. 6:10; Gal. 6:9.

Ni igiki kizobafasha kwihangana? Kugira ‘icizigiro mu Mukama wacu Yezu Kristu’, ni vyo bizobafasha nk’uko vyafashije Abanyatesalonika. Birabereye rero kubona Paulo mu nyuma yagereranije “icizigiro c’ubukiriro” n’inkofero ikomeye ishobora gukingira umukirisu ivyiyumviro bica intege n’ukuguma akekeranya.—1 Tes. 5:8.

Mu vy’ukuri, iyo mwihanganye mubigiranye umunezero, muba muriko muratanga inyishu ku bitutsi vya Shetani bijanye na ca kibazo gihambaye cerekeye uwukwiye kuba Segaba w’ibiriho vyose. Shetani avuga yuko abasavyi b’Imana ari abikunzi, kandi ko naho boba bipfuza gukorera Imana ku bw’igihe kinaka, bazohororokerwa muri ukwo gusenga kwabo mu gihe ibigeragezo vyongerekanye canke ivy’iyi si bimaze igihe kirekire kuruta uko bari bavyiteze. Murafise akaryo kadasanzwe ko gushira ku kabarore wa Mubesheranyi, ko ari umubeshi katwa! Uko bukeye ni ko murushiriza kwegereza iranguka ry’icizigiro canyu.

Nka kurya nyene Paulo atagisha uturyo two gukeza abavukanyi biwe ku bw’ukwizera kwabo gukomeye, ku kuntu bagira ico baterereye ku gikorwa co kwamamaza babigiranye umutima ukunze be no ku kuntu bihangana, natwe tuboneyeho akaryo ko kubakeza no kubabwira ko tubakunda. Mukomere ku gikorwa ciza mukora!

Ese umwaka uza woba wuzuye imihezagiro myinshi yo mu buryo bw’impwemu! Tubipfurije ivyiza.

Abavukanyi banyu,

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika