Tugende nk’abantu b’inkerebutsi
1 Igihe Yezu yasaba abarovyi bane ngo babe abayoboke biwe, ntibavuze ngo tuzoba turabiraba, mugabo ‘baciye bamukurikira’ (Mat. 4:18-22). Igihe Sauli w’i Taruso yacika umukirisu maze agahumuka, na we nyene ntiyabaye nzoba ndabikora, ahubwo “buno nyene [yaciye] atangura kwamamaza Yezu mu masinagogi” (Ibik. 9:20). Umwanya ntiwigera uhagarara; urenganye uba urenganye. Ni co gituma bihambaye ko twebwe ‘tugenda nk’abantu b’inkerebutsi’ ku bijanye n’uburyo dukoresha umwanya wacu.—Ef. 5:15, 16.
2 Ibiba bitari vyitezwe: Uturyo dufise two gukorera Yehova uyu musi, ejo twoshobora kuba twarenganye (Yak. 4:14). “Ibiba bitari vyitezwe” nta n’umwe bidashikira (Umus. 9:11, NW). Vyongeye twese tugenda dusaza, kandi “imisi mibi” ijana n’ukwiterera mu myaka ikanatuma tudashobora gukora vyinshi mu murimo wa Yehova, nta wushobora kuyihunga muri iyi si ya none (Umus. 12:1). Ni co gituma bitaranga ubukerebutsi kwigiza inyuma ivyo kwiyegurira Imana canke kurindira igihe ibintu vyoba vyifashe neza kugira tubone kwagura umurimo wacu uko bishoboka kwose muri iki gihe (Luka 9:59-62). Aburahamu yaragize amahoro n’itekane mu misi yiwe ya nyuma, apfa “yisāziye neza”, kubera ko yakoresheje ubuzima bwiwe mu buryo buranga ubukerebutsi, akabuhebera Yehova bimwe biherejeko.—Ita. 25:8.
3 Igihe ni kigufi: Dushaka kandi gukoresha umwanya wacu mu buryo buranga ubukerebutsi kubera ko “igihe gisigaye [ari] kigufi” (1 Kor. 7:29-31). Vuba, ivy’iyi si ishaje bigiye kurangira. Uturyo two kugira uruhara mu gikorwa gihambaye co gutororokanya abameze nk’intama muri iki gihe c’ ‘iyimbura ry’isi’, tuzorangira (Ivyah. 14:15). Dutegerezwa kwiyubara ntitureke ngo imyitwarariko y’ubuzima be n’ibisamaza, bidutware umwanya twari gukoresha mu buryo ngirakamaro mu murimo (Luka 21:34, 35). Ese ukuntu tuzoshira akanyota nitwatereza amaso inyuma tuzi yuko twagize uruhara bimwe vyuzuye mw’iyimbura!
4 Dutegerezwa kwama turi maso kugira ngo ntiducikwe n’uduteka duhimbaye tw’umurimo twoshobora kuronka. Nimuze twiyemeze gukora uko dushoboye kwose kugira ngo dusukurire Yehova “hacitwa ‘Uno musi’ ” (Heb. 3:13). Ivyo nitwabigira, tuzoba tugaragaje ko turi inkerebutsi koko, kubera ko “uwukora ukugomba kw’Imana agumaho ibihe vyose”.—1 Yoh. 2:17.