Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizokwishurwa ku munwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ku ndwi itangura ku wa 29 Gitugutu 2007. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 30, rishingiye ku mayagwa yahetuwe mu biganiro vyashikirijwe kuva ku ndwi itangura ku wa 3 Nyakanga gushika ku ndwi itangura ku wa 29 Gitugutu 2007.
KAMERE Y’IVY’UKUVUGA
1. Ni kubera iki gusubiramwo ari uburyo buhambaye bwo kwigisha? [be rup. 206 ing. 1-2, uruzitiro]
2. Ni mu buryo butandukanye ubuhe dushobora gushimika ku mutwe-shimikiro w’insiguro? [be rup. 210, uruzitiro]
3. Ingingo nkurunkuru z’insiguro ni izihe, kandi ni ibiki bidufasha kuzihitamwo? [be rup. 212 ing. 1-3]
4. Ni kubera iki tudakwiye gushira mu nsiguro ingingo nkurunkuru umurengera? [be rup. 213 ing. 2-4]
5. Ni kubera iki bihambaye ko intangamarara yacu ivyura ugushimishwa, kandi ivyo twobigira gute? [be rup. 215 ing. 1; rup. 216 ing. 1-3, uruzitiro]
IKIGANIRO NO. 1
6. Muri Zaburi 119:89, 90 hadufasha gute kubona ko dukwiye kwiheka kw’ijambo ry’Imana? [w05 15/4 rup. 15 ing. 3]
7. Igitabu ca Ezekiyeli gishimika ku biki, kandi ni ibiki birindiriye abeza izina rya Yehova ubu mu buzima bwabo? [bsi07 rup. 8 ing. 33]
8. “Ijambo rya Yehova” rishobora gute kurinda umutima wacu? (Zab. 18:30, NW) [w05 1/9 rup. 30 ing. 2]
9. Icizigiro c’Ubwami gishimikwako gute mu gitabu ca Daniyeli cose? [bsi07 rup. 10 ing. 23]
10. Ni gute igitabu ca Hoseya gituma turushiriza kwizera ubuhanuzi bwahumetswe na Yehova? [bsi07 rup. 12 ing. 14]
UGUSOMA BIBILIYA KW’UMUSHAMVU
11. Ugupimwa kw’urusengero Ezekiyeli yeretswe gusobanura iki, kandi ivyo bidukura amazinda ku biki muri iki gihe? (Ezk. 40:2-5) [w99 1/3 rup. 18 ing. 6; rup. 23 ing. 7]
12. “Kizigenza” avugwa mw’iranguka rya nyuma ry’ivyo Ezekiyeli yeretswe ni nde? (Ezk. 48:21, NW) [w99 1/3 rup. 24-25 ing. 13-15; rup. 32 ing. 19-20]
13. Muri Daniyeli 2:21 hasobanura iki? [w98 1/10 rup. 8 ing. 9]
14. Ni igiki catumye Daniyeli aba umuntu w’“umukundwa cane” mu nyonga za Yehova? (Dan. 9:23) [dp-F rup. 185 ing. 12; w04 1/8 rup. 12 ing. 17]
15. Ni mu buryo ki ata ‘kumenya Imana kwari mu gihugu’ ca Isirayeli, kandi umwe wese muri twebwe ivyo akwiye kubibona gute? (Hos. 4:1, 2, 6, NW) [w05 15/11 rup. 21 ing. 21; jd-F rup. 57-58 ing. 5; rup. 61 ing. 10]