Inyishu ku bibazo vyanyu
◼ Wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” yoba ashigikira imigwi y’Ivyabona yigenga ihurira hamwe kugira igire ubushakashatsi mu buryo bwigenga bushingiye ku Vyanditswe, canke kugira ihanahane ivyiyumviro bishingiye kuri vyo?—Mat. 24:45, 47, NW.
Oya, ivyo ntabishigikira. Ariko naho biri ukwo, mu mihingo itandukanye y’isi, hari abantu bakeyi bo mw’ishirahamwe ryacu bagize imigwi kugira ngo bagire ubushakashatsi bwigenga ku bijanye n’ivyiyumviro bishingiye kuri Bibiliya. Bamwe baragize umugwi w’igenga utohoza igiheburayo be n’ikigiriki Bibiliya yanditswemwo kugira ngo barabe ko Bibiliya Traduction du monde nouveau itagiramwo amakosa. Abandi na bo baragira ubushakashatsi ku bintu bijanye na siyansi bifitaniye isano n’ibiri muri Bibiliya. Baruguruje imihora kuri Internet harimwo n’iyo kuganirirako barondera guhanahana ivyiyumviro. Bararemesheje kandi amanama, baranasohora ibitabu kugira bashikirize ivyo bashitseko no kugira bunganire ibishikirizwa mu makoraniro yacu ya gikirisu be no mu bitabu vyacu.
Hirya no hino kw’isi, abasavyi ba Yehova bariko bararonka inyigisho umukimba zo mu vy’impwemu be n’indemesho biciye ku makoraniro, ku materaniro, ku mahwaniro be no bisohokayandikiro vy’ishirahamwe rya Yehova. Yehova abicishije ku mpwemu nyeranda yiwe be no kw’Ijambo ryiwe ry’ukuri, aratanga ibikenewe vyose kugira ngo abasavyi biwe bose bashobore ‘kwunga ubumwe neza mu muzirikanyi umwe no mu ciyumviro kimwe’, bongere bagume ‘bashikamye mu kwizera’ (1 Kor. 1:10, NW; Kol. 2:6, 7). Mu vy’ukuri, turakenguruka imfungurwa zo mu buryo bw’impwemu Yehova aturonsa muri iyi misi y’iherezo. Ku bw’ivyo, wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” ntari inyuma y’igitabu ico ari co cose, canke amakoraniro ayo ari yo yose, cabure imihora yo kuri Internet iyo ari yo yose bigizwe atari we abihagarikiye.—Mat. 24:45-47, NW.
Abantu bipfuza gukoresha ubushobozi bwabo bwo kwiyumvira kugira ngo bashigikire inkuru nziza ni abo gukezwa. Ariko rero, nta kintu na kimwe umuntu agira ku bwiwe gikwiye kudusamaza ngo ntitubone ivyo Yezu Kristu ariko ararangura biciye kw’ishengero ryiwe ryo kw’isi muri kino gihe. Mu kinjana ca mbere, intumwa Paulo yaragabishije ku bijanye n’ukuja mu vyiyumviro biruhisha, bitwara umwanya nk’ “ivy’amamuko, ata co bivamwo, mugabo bigatanga ibibazo vyo kugirira ubushakashatsi aho kuvamwo itangwa ry’ikintu cose kiva ku Mana mu bijanye n’ukwizera” (1 Tim. 1:3-7, NW). Abakirisu bose bakwiye kwihatira “[kuzibukira] ibibazo vy’ubupfu be n’ivy’amamuko n’ugushihana n’indwano ku bijanye n’Itegeko, kuko ata co vyungura kandi bitagira akamaro”.—Tito 3:9, NW.
Abashaka kwiga Bibiliya no kugira ubushakashatsi kuri yo mu buryo bugera kure, tubaremesheje kubigira bakoresheje ibitabu Étude perspicace des Écritures, “Toute Écriture est inspirée de Dieu et utile”, be n’ibindi bitabu vyacu, nk’akarorero bimwe bica irya n’ino ubuhanuzi dusanga mu gitabu ca Bibiliya ca Daniyeli, ca Yesaya n’ic’Ivyahishuriwe. Ivyo bitabu biratanga amayagwa menshi cane adufasha kwiga Bibiliya no kuyizirikanako kugira ngo ‘twuzuzwe ubumenyi [bwerekeye Imana] butagira amakosa bw’ukugomba kwayo mu bukerebutsi bwose n’ugutegera kwo mu vy’impwemu, ngo tugende nk’uko bibereye Yehova kugira tumushimishe bimwe bishitse, uko tubandanya kwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose no kugwira mu bumenyi butagira amakosa bw’Imana’.—Kol. 1:9, 10, NW.