Woba ushobora kwinjira mu “rugi runini ruja mu bikorwa”?
1. “Urugi runini ruja mu bikorwa” twugururiwe ni uruhe?
1 Igihe intumwa Paulo yugururirwa “urugi runini ruja mu bikorwa”, abigiranye ubwira ntiyagisha akaryo yaba aronse ko guteza imbere ivyungura Ubwami, naho abamurwanya bari benshi (1 Kor. 16:9). Muri iki gihe, abamamaji b’Ubwami bashika 642.000 bari hirya no hino kw’isi, barinjiye mu rugi runini ruja mu bikorwa mu kuba abatsimvyi basanzwe.
2. Ni kubera iki ari vyiza ko rimwe na rimwe tuza turasuzuma uko ivyacu vyifashe?
2 Ibintu birahinduka: Naho uko ivyacu vyifashe ubu vyoshobora gutuma tutarangura vyinshi, ibintu birahinduka. Ni co gituma ari vyiza ko rimwe na rimwe tuza turasuzuma uko ivyacu vyifashe, tutarindiriye igihe ivyacu bizoba vyifashe neza (Umus. 11:4). Woba uri uwukiri muto yimirije kurangiza amashure yisumbuye? Woba uri umuvyeyi afise abana bimirije gutangura ishure? Woba uri hafi gukukuruka? Amahinduka nk’ayo yoshobora gutuma uronka umwanya wiyongereye, gutyo bigatuma winjira mu murimo w’ubutsimvyi busanzwe. Hari umuvukanyikazi yigeze kuba afise ingorane z’amagara, yafashe ingingo yo gusaba ubutsimvyi busanzwe afise imyaka 89. Uti kubera iki? Kubera yuko yari amaze umwaka urenga atagiye mu bitaro, yumva amagara yomukundira gukora ubutsimvyi.
3. Bamwebamwe bagize ivyo bahinduye gute kugira ngo bakore ubutsimvyi busanzwe?
3 Hari igihe Paulo yari yategekanije kugendera abavukanyi biwe b’i Korinto. Yamara, yarabihinduye ku bw’inkuru nziza. Benshi mu bariko barakora ubutsimvyi busanzwe muri kino gihe, vyabaye ngombwa ko bagira ivyo bahinduye bitari bike kugira ngo babukore. Bamwebamwe baroroheje ubuzima bwabo gushika n’aho babona ko, bakize kuronka akazi k’igihe gito, biba bihagije kugira ngo bironse ibintu bikeyi basigaye babona ko ari vyo bikenewe ngo bibesheho. Barahimbarwa n’ako gateka k’umurimo batewe (1 Tim. 6:6-8). Hari abubakanye bagize ivyo bahinduye, bituma babeshwaho n’umushahara w’umugabo, gutyo umukenyezi araronka akaryo ko gukora ubutsimvyi.
4. Twokora iki mu gihe tutabona neza ko twoshobora gukwiza amasaha asabwa?
4 Ntiwihutire kwikuramwo iciyumviro c’ugukora ubutsimvyi, utinya yuko utoshobora gukwiza amasaha asabwa. Ku musi hakenerwa ko ukora gusa umwanya urenga gatoyi amasaha abiri. Mu gihe utabona neza ko wobishobora, gerageza gukora ubutsimvyi bwo gufasha ukwezi kumwe canke amezi abiri, mugabo ubukore ufise intumbero yo gushitsa amasaha 70. Ivyo bizotuma uhonja ku munezero wo gukora ubutsimvyi (Zab. 34:8). Nuyage n’abariko barabukora. Bashobora kuba baratsinze ingorane zisa n’izawe (Imig. 15:22). Nusabe Yehova ahezagire utwigoro ugira tujanye no kwagura ubusuku bwawe.— 1 Yoh. 5:14.
5. Ni kubera iki gukora ubutsimvyi busanzwe ari ngirakamaro?
5 Igikorwa c’ingirakamaro: Gusukura uri umutsimvyi asanzwe birazana imihezagiro myinshi. Biratuma ugira umunezero mwinshi uzanwa no gutanga cane (Ivyak. 20:35). Gukora ubutsimvyi bizokarisha ubushobozi bwawe bwo gukoresha neza Ijambo ry’ukuri ry’Imana (2 Tim. 2:15). Bizotuma uronka uturyo twiyongereye two kwibonera ukuntu ukuboko kwa Yehova kugushigikira (Ivyak. 11:21; Flp. 4:11-13). Gukora ubutsimvyi bizogufasha kandi gutsimbataza kamere zo mu vy’impwemu, nk’ukwihangana, vyongere bitume urushiriza kwiyegereza Yehova (Yak. 4:8). Woba ushobora kwinjira mu rugi runini ruja mu bikorwa ukaba umutsimvyi asanzwe?