Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Rusama: Umunara w’Inderetsi uri kumwe na Réveillez-vous!. Igihe musubira kugendera abantu bashimishijwe, harimwo abitaba Icibutso gusa canke abitaba Icibutso n’ayandi maporogarama ya gitewokarasi ariko bakaba batifatanya n’ishengero babigiranye umwete, murihatire gushikiriza igitabu Ivyo Bibiliya yigisha, mufise intumbero yo gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Ruheshi: Igitabu Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous? canke igitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo. Igitabu Ubumenyi na co nyene coshobora gushikirizwa. Mukakaro na Myandagaro: Ako ari ko kose muri utu dutabu tw’impapuro 32 koshobora gukoreshwa: Bitugendera gute Iyo Dupfuye? Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Doit-on croire à la Trinité?, Intwaro Izozana Iparadizo, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Le nom divin qui demeure à jamais, Mwame mugavye!, Quel est le but de la vie? Comment le découvrir? hamwe na “Voici, je fais toutes choses nouvelles”. Mu bice bimwebimwe vy’icibare, udutabu dukurikira twoshobora kuba tubereye: Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Inzira ijana mu buzima budahera—Woba warayitoye?, Nos problèmes:qui nous aidera à les résoudre?, Une vie pleinement satisfaisante:Comment? be na Un livre pour tous.
◼ Intererano zitangwa kubw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, zigatangwa mu buryo bw’ amasheki ku mahwaniro y’intara be n’izirungikwa muri ubwo buryo ku biro vy’ishami, ayo masheki akwiye kuba yanditseko yuko amahera ahabwa urwego rugengwa n’amategeko rwo mu gihugu canyu.
◼ Inama z’abakurambere zikwiye kwihweza ikete ryo ku wa 6 Mukakaro 2006 rivuga ibijanye n’ukuntu bokwitegurira ivyago vy’ivyaduka be n’ukuntu bokwiyemeza neza ko bafise amakuru agezweho yobafasha gutora umwamamaji wese. Mu turere dukarirwa n’ivyago vy’ivyaduka, harakwiye gutangwa ayandi makuru y’ukuntu mwoshobora kubabona igihe ibintu vyihutirwa. Mu bisanzwe, uretse ko ayo makuru akenerwa mu gihe ibintu biba bikomeye, biranafasha igihe abamamaji bahanahanye amakuru n’umucungezi w’Inyigisho y’igitabu y’ishengero bakukira canke uwundi mukurambere, mu gihe baba bagiye ahantu bamara ikiringo kinini, nko mu gihe boba bafashe urugendo baja mu kiruhuko canke mu bikorwa, kibure mu gihe boba bari mu bitaro canke ahandi.