Ivyibukijwe ku vyerekeye ihwaniro ry’intara
◼ Ibihe porogarama izoberako: Ku wa gatanu no ku w’iyinga, porogarama izotangura 2:30 zo mu gitondo. Ku wa gatandatu izotangura isaha 4:30 zo mu gitondo. Igihe umuziki w’Ubwami wugurura utanguye, twese dukwiye gufata ivyicaro kugira porogarama itangure mu rupfasoni. Ku wa gatanu porogarama izorangira isaha 10:05 zo ku muhingamo, ku wa gatandatu irangire isaha 11:05 zo ku muhingamo, ku w’iyinga na ho irangire isaha 9:10 zo ku muhingamo.
◼ Ugufatira abandi ibibanza: Ukwiye gufatira ibibanza abantu mwazananye mu muduga gusa canke abo mubana mu rugo.
◼ Imfungurwa za sasita: Turabasavye muzoze mwitekereye impamba, aho kuva mu kibanza c’ihwaniro mugiye kurondera ibifungurwa mu karuhuko ka sasita. Ntivyemewe kuzana inzoga ahabera ihwaniro.
◼ Intererano: Ugutunganya ivy’ihwaniro ry’intara biratwara amahera menshi. Turashobora kwerekana ko dukenguruka mu gutanga intererano zivuye ku mutima ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Ishengero rimwerimwe ryose ryoshobora kugira umwiyemezo w’intererano rishobora gutanga. Intererano zitangwa kw’ihwaniro na zo nyene zizokoreshwa mu vyo gutunganya iryo hwaniro.
◼ Amasanganya hamwe no gutabarwa vyihutirwa: Mu gihe mu kibanza c’ihwaniro habaye ibintu bisaba gutabarwa vyihutirwa, turagusavye uce ubimenyesha uwakira abantu akwegereye na we azoce abimenyesha Urwego rujejwe gutabara abarwaye, kugira ngo abantu bajejwe ico gikorwa babimenyereye bari ng’aho bashobore kuraba nimba bikomeye canke bidakomeye maze bagire ico bafashije. Mu gihe bibaye nkenerwa, umuntu yoshobora kujanwa ku bitaro vya hafi.
◼ Ugufata amajwi n’amasanamu: Ivyuma bifata amajwi n’amasanamu vy’ubwoko ubwo ari bwo bwose ntibikwiye gucomekwa ku vyuma biduza amajwi canke ku muyagankuba vy’aho hantu, kandi vyoshobora gukoreshwa gusa mu buryo budatuma abandi basamara.
◼ Udupapuro two kwuzuza hasabwa gukurikirana umuntu yashimishijwe: Agapapuro ko kwuzuza kavuga ngo turabasavye mukurikirane uwu muntu yashimishijwe (S-43) gakwiye gukoreshwa mu gutanga amakuru yerekeye umuntu uwo ari we wese ashimishijwe igihe dushinze intahe akaryo kizanye mu gihe c’ihwaniro. Abamamaji bakwiye kugenda kw’ihwaniro bitwaje ako gapapuro kamwe canke tubiri. Mwene utwo dupapuro tuzoba kandi turi mu Rwego rujejwe gutanga ibitabu kw’ihwaniro. Udupapuro twujujwe woshobora kuduha abo muri urwo rwego canke ukaduha umunyamabanga w’ishengero ryanyu umaze gutaha.—Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Ruhuhuma 2005, rup. 6.
◼ Telefone ngendanwa: Umuntu akwiye kuyiregera ku buryo idasamaza abandi.
◼ Uburaro: Hazoboneka amasomero yo kuraramwo. Akenshi bizokenerwa ko umwe wese yizanira ibisaswa hamwe n’ibikoresho vyo guteka. Turabasavye mutashe muzosige aho hantu hasukuye. Ivyo bizoshingira intahe ikomeye izina rya Yehova be n’abasavyi biwe.