Twese turashobora kugira uruhara mu guhindura abantu abigishwa bashasha
1 Umwigishwa mushasha ntaboneka kubera utwigoro twagizwe n’umuntu umwe gusa. Yehova arashobora gukoresha “abakozi bakorana” na we bose kugira ngo bafashe abigishwa ba Bibiliya gutera imbere mu vy’impwemu (1 Kor. 3:6-9, UB). Umwe wese muri twebwe ntafasha abashasha mu gutanga gusa insasanuro zivuye ku mutima ku makoraniro ya gikirisu, ariko kandi arabafasha biciye ku kuntu yigenza neza, ivyo bikaba bitanga ikimenyamenya cerekana neza ko impwemu y’Imana iba iriko irakorera mu buzima bwacu (Yoh. 13:35; Gal. 5:22, 23; Ef. 4:22, 23). Ni ibindi bintu ibihe dushobora gukora kugira dufashe abashasha?
2 Uko tugize ishengero: Twese turashobora kwerekana ko twitwararika abatanguye kwitaba amakoraniro mu kwibwiriza kubaramutsa n’igishika no mu kuganira na bo imbere y’uko amakoraniro atangura canke inyuma yaho. Umugabo umwe, mu kuvuga ukuntu yumvise amerewe igihe yitaba amakoraniro ari bwo bwa mbere, yagize ati: “Ku musi umwe gusa, naramenyanye n’abantu bakundana cane vy’ukuri tutari tuzinanyi na gato, nkaba ntari bwigere menyana n’abantu bameze gutyo mw’idini nakuriyemwo. Narabona neza ko nari nubuye ukuri”. Uwo mugabo yabatijwe haciye amezi indwi yitavye ikoraniro ari bwo mbere.
3 Uko umwigishwa wa Bibiliya atera imbere mu vy’impwemu, numukeze bimwe bivuye ku mutima. Yoba ariko arihanganira ukurwanywa? Yoba ariko yitaba amakoraniro adahorereza? Yoba agira umutima rugabo agatanga insasanuro? Yoba yariyandikishije mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi canke yaratanguye kugira uruhara mu busuku? Numukeze kubera iterambere yashitseko. Ivyo bizomuremesha vyongere bimukomeze.—Imig. 25:11.
4 Uwurongora inyigisho ya Bibiliya: Abamamaji bamwebamwe barashoboye gufasha abo bigisha Bibiliya kumenyana neza n’umuntu umwumwe mu bagize ishengero mu gusaba abandi bamamaji ngo bajane kuri iyo nyigisho. Nutumire uwo mwigishwa ku makoraniro y’ishengero vuba bishoboka. Igihe atanguye kwitaba amakoraniro, numumenyeshe abandi. Yoba ariko arakora ukwo ashoboye kwose kugira ngo atsinde ingeso mbi yinaka nko kunywa itabi? Hoba hari uwo mu rugo iwabo amubuza kwiga? Yoshobora kwungukira ku kuyaga n’umwamamaji yashikiwe na mwene iyo ngorane maze akayitsinda.—1 Pet. 5:9.
5 Abashasha barakeneye gushigikirwa n’ishengero mu buryo bw’impwemu. Abarigize bose barashobora kubafasha gutera imbere mu gihe umwe wese muri bo yerekanye ko abitwararika bimwe bivuye ku mutima.