Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Ntwarante: Hazoshikirizwa igitabu Ivyo Bibiliya yigisha hongere hagirwe akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya. Ndamukiza na Rusama: Umunara w’Inderetsi uri kumwe na Réveillez-vous!. Igihe musubira kugendera abantu bashimishijwe, harimwo abitaba Icibutso gusa canke abitaba Icibutso n’ayandi maporogarama ya gitewokarasi ariko bakaba batifatanya n’ishengero bashirutse umwete, murihatire gushikiriza igitabu Ivyo Bibiliya yigisha, mufise intumbero yo gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Ruheshi: Igitabu Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous? canke igitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo. Igitabu Ubumenyi na co nyene coshobora gushikirizwa.
◼ Amashengero akimara kuronka inomero za vuba cane z’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!, akwiye guca azishira ahabona kugira ngo abagize ishengero bazironse. Ivyo bizotuma abamamaji bamenya ibiri muri izo nomero imbere yo kuzishikiriza mu murimo wo mu ndimiro.
◼ Umucungezi muhagarikizi canke uwundi wese yagenywe na we akwiye gusuzuma amakonte y’ishengero y’amezi ya Kigarama, Nzero na Ruhuhuma. Iryo suzuma rimaze kurangira, bikwiye gutangarizwa ishengero muri raporo y’ivy’amakonte izoshikirizwa ubutaha.—Raba Instruction pour la comptabilité des congrégations (S-27).
◼ Umunyamabanga w’ishengero rimwerimwe ryose rifise Ingoro y’Ubwami, arakwiye gusuzuma nimba Ingoro yabo yarakuweko amakori atangwa igihe haguzwe ubwatsi be n’uko yakuweko amakori y’agataka. Amakete atwemerera gukurwako amakori y’agataka akwiye kwama ari muri dosiye. Turabasavye murabe neza ko Ibiro vy’ishami bifise ikopi y’ayo makete.