Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo vy’isubiramwo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ku ndwi itangura ku wa 26 Ruhuhuma 2007. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 30, rishingiye ku mayagwa yahetuwe mu biganiro vyashikirijwe kuva ku ndwi itangura ku wa 1 Nzero gushika ku ndwi itangura ku wa 26 Ruhuhuma 2007. [Ibimenyeshejwe: Aho ata marabiro yatanzwe inyuma y’ikibazo, muzokenera kwigirira ubushakashatsi bwanyu kugira ngo mutore inyishu.—Raba igitabu Ishure ry’Ubusuku, rup. 36-37.]
KAMERE Y’IVY’UKUVUGA
1. Insobanuro ngirakimazi y’ukuntu amayagwa dushikiriza yokurikizwa yokwerekanwa ryari, kandi ivyo vyogirwa mu buhe buryo? [be rup 158 ing. 2-4]
2. Ni kubera iki bihambaye gufasha abandi kubona agaciro ngirakimazi k’amayagwa dushikiriza, kandi ivyo dushobora kubigira gute? [be rup. 159 ing. 3-4]
3. Ni kubera iki amajambo duhitamwo gukoresha ahambaye? [be rup. 160]
4. Ni igiki kizodufasha guhindagura amajambo mu buryo butarimwo amahinyu? [be rup. 161 ing. 5-6; rup. 162 ing. 1, 4]
5. Ni ivyiza bimwebimwe ibihe biri mu kuvuga ukoresheje urucacagu, rwaba urwo wateguye mu mutwe canke ururi ku rukaratasi? [be rup. 166 ing. 1-3]
IKIGANIRO NO. 1
6. Mu gutegura ikigabu c’ubusomyi bisaba iki? [be rup. 43 ing. 2, 4]
7. Ni ibiki bihambaye niba dushaka kubona ikibi n’iciza nk’uko Yehova abibona? (Heb. 5:14) [w05 1/1 rup. 9 ing. 11]
8. Dukwiye kwibuka iki hagize ikintu dusoma muri Bibiliya gituma dutangura kwibaza nimba Imana yakoze mu buryo bugororotse canke buranga ubutungane? [w05 1/2 rup. 24 ing. 7]
9. Dukwiye kuvyifatamwo gute igihe abantu badusavye gukora ibintu biteye kubiri n’amabwirizwa y’Imana? [w05 15/4 rup. 12 ing. 9]
10. Ni mu buryo ki igitabu ca Yesaya cibanda ku Bwami butwarwa na Mesiya be no ku nteguza yiwe, ari we Yohani Umubatizi? [bsi06 rup. 31 ing. 35]
UGUSOMA BIBILIYA KW’UMUSHAMVU
11. “Icitwikiro c’ukugandara catwikiriye amoko yose, n’icitwikiro gitwikiriye amahanga yose”, bivugwa muri Yesaya 25:7, ni iki?”
12. Ni kubera iki muri Yesaya 30:21 havuga yuko ijambo rya Yehova ‘riduturutse inyuma’? [w03 15/2 rup. 31]
13. Ni vyo canke si vyo: Isengesho Hezekiya yatuye ryanditse muri Yesaya 38:3, yarituye abitumwe n’icipfuzo gikomeye yari afise co kuramba.
14. Ni mu buhe buryo Abisirayeli bobaye ivyabona vya Yehova, kandi dushobora gute kubigana? (Yes. 43:10)
15. Ni gute Yehova vuba “[agiye kwica] ca gisato c’amahero co mu kiyaga” ari co citwa kandi “Lewiyatani”? (Yes. 27:1) [w01 1/3 rup. 29 ing. 18]