Ntutakaze urukundo wari ufise ubwa mbere
1 Yezu, uwari yaninahajwe, yahanuye ishengero ryo mu kinjana ca mbere ry’i Efeso ati: “Mfise ico nkugayako, yuko waretse urukundo rwawe rwa mbere” (Ivyah. 2:4). Biboneka ko abenshi bari baratakaje urukundo bakunda Yehova ubwa mbere. Igihe twariko turiga ukuri, twaratsimbataje ugukunda cane Imana n’abantu nkatwe, kandi ivyo vyaratuvyuriye umutima wo kubwira abandi tubigiranye umwete icizigiro twari duherutse kuronka. Ni igiki kizodufasha kudatakaza urukundo twari dufise ubwa mbere no kudatezura mu busuku?
2 Kwiyigisha no kwitaba amakoraniro: Ni igiki catumye dukunda Imana n’abantu nkatwe igihe twamenya ukuri ari bwo bwa mbere? None si vya bintu vyose twamenya ku vyerekeye Yehova biciye ku kwiga Ivyanditswe (1 Yoh. 4:16, 19)? Ku bw’ivyo, kugira ngo urukundo rwacu ‘rugwire runarushirize kuguma rugwira’ (NW), dutegerezwa kubandanya kwironsa ubumenyi butagiramwo agakosa, tugacukura mu “bintu vyimbitse vy’Imana”.—Flp. 1:9-11; 1 Kor. 2:10, NW.
3 Kuguma umuntu afise akamenyero keza ko kwiyigisha birashobora kuba urugamba koko muri iyi misi y’iherezo yuzuye imyitwarariko myinshi n’ibisamaza vyinshi (2 Tim. 3:1). Mu rutonde rw’ivyo dukora, dutegerezwa kwiziganiriza umwanya wo kwihereza imfungurwa zo mu vy’impwemu. Kwitaba amakoraniro y’ishengero tudahorereza na vyo nyene birahambaye rwose, na canecane uko “[tu]bon[a] wa musi wegereza”.—Heb. 10:24, 25.
4 Ubusuku bwo mu ndimiro: Kugira uruhara n’umwete mu busuku bwo mu ndimiro biradufasha kuguma dukunda Imana nk’uko twayikunda ubwa mbere. Igihe twamamaza inkuru nziza, tuba turiko turiyibutsa imihango ya Yehova iranga urukundo, kandi ivyo biradufasha kuguma dufise icizigiro gikayangana be n’urukundo rukomeye. Kwigisha ibintu vy’ukuri vyo muri Bibiliya bisaba yuko tugira ubushakashatsi kugira ngo ubwacu tubitahure neza, kandi ivyo birakomeza ukwizera kwacu.—1 Tim. 4:15, 16.
5 Yehova arakwiriye guhabwa ibintu vyose, harimwo n’urukundo tumukunda (Ivyah. 4:11). Ntureke ngo urwo umukunda rutimbe. Nutume urukundo rwawe rwa mbere ruguma rukomeye, mu kwiyigisha Bibiliya ubishashaye, mu kwitaba amakoraniro udahorereza no mu kubwira abandi ubigiranye umwete ibintu ubona ko ari ivy’agaciro kuruta ibindi vyose.—Rom. 10:10.