Nufashe abandi bacike abakunzi b’Imana
1 Muri iki gihe, abantu bo mu mahanga yose bariko barigishwa inzira za Yehova (Yes. 2:2, 3). Mugabo rero, kugira mwene abo bantu “[bamishwe] imbuto n’ukwihangana”, bategerezwa gukunda Yehova (Luka 8:15; Mrk. 12:30). Badafise urukundo nk’urwo, ntibazoshobora kuronka inguvu zo kunanira utwosho tubi canke ingoga zo gukora ikibereye. Uburyo bumwe wofasha abandi kugiranira ubucuti bwiza na Yehova ni mu gutuma barushiriza gukunda kamere ziwe. Nubaremeshe barimbure bitonze ibivugwa muri ca gitabu Niwiyegereze Yehova.
2 Akarorero utanga: Ivyo wewe ubwawe ukora birashobora kugira ico bikora gikomeye ku mitima y’abo wigisha Bibiliya. Igihe babona yuko uha agaciro ubucuti ufitaniye na Yehova, bakabona n’ukuntu bugira ico bukoze ku buzima bwawe, vyoshobora gutuma ubwabo barondera kugiranira na we ubucuti nk’ubwo (Luka 6:40). Si ivy’imbeshere, akarorero dutanga akenshi karagira ikintu kinini gakora ku bandi.
3 Uburyo nyamukuru abavyeyi bigishamwo abana babo gukunda Yehova, ni akarorero batanga (Gus. 6:4-9). Hari umugabo n’umugore bari bafise icipfuzo co kurerera abana babo mu kuri basavye impanuro abavyeyi babigize bikabakundira. Uwo mugabo avuga ati: “Uwo nabaza wese yambwira ko ikintu nyamukuru gifasha ari akarorero keza abavyeyi batanga”. Gutyo, biciye ku kuntu abavyeyi babaho, barashobora kubera abana babo akarorero kerekana ico bisobanura kuba “umukunzi w’Imana”.—Yak. 2:23.
4 Isengesho rivuye ku mutima: Urashobora kandi gufasha abandi kuba abakunzi ba Yehova mu kubigisha gutura isengesho rivuye ku mutima. Woshobora kuberekeza kuri rya sengesho ry’akarorero rya Yezu, no ku yandi masengesho atari make yaturanywe ubwira ari mu Vyanditswe (Mat. 6:9, 10). Urashobora kwigisha abana bawe be n’abo mwigana Bibiliya gusenga, biciye ku masengesho wewe ubwawe utura. Igihe bumva amajambo avuye ku mutima uvuga, baca babona ukuntu wiyumva ku biraba Yehova. Nubaremeshe ‘gushishikara gusenga’ igihe bari mu bigeragezo (Rom. 12:12). Nibabona ukuntu Yehova abafasha igihe bakeneye gufashwa, bazoca batangura kumwizigira no kumukunda nk’umugenzi nyakuri.—Zab. 34:8; Flp. 4:6, 7.