Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Nyakanga: Hazokoreshwa ca gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?. Dukwiye kugira akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho ya Bibiliya tukigendera umuntu ari bwo bwa mbere. Abo tuzoba twasigiye ico gitabu bose turakwiye kuza turasubira kubaraba, dufise intumbero yo gutanguza inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana. Gitugutu: Nimushikirize ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!. Igihe hari abashimishijwe, turabasavye mubashikirize agatabu Mwame mugavye!, kugira mutume barushiriza gushimishwa na Bibiliya. Munyonyo: Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye. Nimba abo tuganiriye bavuze ko badafise abana, nitubashikirize ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya?, canke akandi kabereye cabure igitabu Ubumenyi. Kigarama: Hazoshikirizwa igitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose. Mu gihe mudafise ico gitabu mwoshobora gushikiriza Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya, La Bible—Parole de Dieu ou des hommes?, canke igitabu Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi, nimba muri ivyo bitabu hari ivyo mwoba mufise mu bubiko bw’ishengero.
◼ Amashengero arakwiye gutangura gusaba imbumbe z’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! z’umwaka wa 2006 be n’akadisiki gakoranirijwemwo ibisohokayandikiro vy’ishirahamwe ko mu mwaka wa 2006 (CD-ROM Watchtower Library–Edition 2006), ku nkaratasi zo gusabirako ibisohokayandikiro zimirije kurungikwa. Urutonde rw’indimi ivyo bisohokayandikiro bibonekamwo ruzoboneka mw’“Itangazo ku mashengero yose” rirungikirwa amashengero yose uko ukwezi gutashe. Muramenya yuko ako kadisiki karonswa ababatijwe bo mw’ishengero kandi ko kaboneka gusa biciye kw’ishengero.
◼ Abakurambere baribukijwe gukurikiza inama zitangwa mu Munara w’Inderetsi wo muri Ndamukiza 1991, ku rupapuro rwa 20-22 ku vyerekeye abantu abo ari bo bose baciwe canke biyonjoroye boshaka kugarukanwa.
◼ Mu nyigisho yacu y’igitabu y’ishengero, guhera ku ndwi yo ku wa 8 Nzero gushika ku ndwi yo ku wa 29 Nzero 2007, tuzokwihweza ibiganiro 4 vyo kwiga vyo mu Munara w’Inderetsi. Guhera ku ndwi yo ku wa 5 Ruhuhuma gushika ku ndwi yo ku wa 14 Rusama, tuzobandanya kwiga ca gitabu Umuntu Ahambaye. Inyuma y’ico gitabu, guhera ku ndwi yo ku wa 21 Rusama gushika ku ndwi yo ku wa 10 Kigarama 2007, tuzokwiga igitabu Agahimbare mu Rugo.