Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizokwishurwa ku munwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ku ndwi itangura ku wa 28 Myandagaro 2006. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 30, rishingiye ku mayagwa yahetuwe mu biganiro vyashikirijwe kuva ku ndwi itangura ku wa 3 Mukakaro gushika ku ndwi itangura ku wa 28 Myandagaro 2006. [Ibimenyeshejwe: Aho ata marabiro yatanzwe inyuma y’ikibazo, muzokenera kwigirira ubushakashatsi bwanyu kugira ngo mutore inyishu.—Raba igitabu Ishure ry’Ubusuku, rup. 36-37].
KAMERE Y’IVY’UKUVUGA
1. Ni gute kurabana n’abumviriza bidufasha tugacika abantu bazi kwigisha neza? (Mat. 19:25, 26; Ivyak. 14:9, 10) [be rup. 124 ing. 3–rup. 125 ing. 3]
2. Ni kubera iki kumera uko dusanzwe tumeze bihambaye, kandi ni igiki gishobora kudufasha kubigira igihe turi mu busuku bwo mu ndimiro? [be rup. 128 ing. 1-5, uruzitiro]
3. Ni kubera iki dukwiye kwitwararika kuba abantu bafise isuku? [be rup. 131 ing. 1-3]
4. Ni gute “ukwifata ru[pfasoni] n’ukurorana kw’umuzirikanyi” bikwiye kugira ico bikoze ku kuntu twambara no ku kuntu twitunganya? (1 Tim. 2:9, NW) [be rup. 131 ing. 4–rup. 132 ing. 1]
5. Ni ingingo ngenderwako za Bibiliya izihe dukwiye gushira mu ngiro kugira twiyemeze neza yuko uburyo tuboneka bugaragaza ko tudakunda iyi si? [be rup. 133 ing. 2-3]
IKIGANIRO NO. 1
6. Ni inyungu ihambaye kuruta izindi zose iyihe iva ku gusoma? [be rup. 21 ing. 3]
7. Ni igiki cerekana nimba umuntu ari inkerebutsi canke igipfu? (Imig. 14:2) [w04 15/11 rup. 26 ing. 5]
8. Ni kubera iki ‘ukumenya kworoshe ku muntu w’inkerebutsi’? (Imig. 14:6) [w04 15/11 rup. 28 ing. 4-5]
9. Ukwiga ni iki? [be rup. 27 ing. 3]
10. Kuzirikana ku bikorwa vy’irema vya Yehova bikwiye kugira ico bikoze gute kuri twebwe? [w04 15/11 rup. 8 ing. 4]
UGUSOMA BIBILIYA KW’UMUSHAMVU
11. Ni gute Zaburi ya 68:11 iriko iraranguka urudome ku rundi muri iki gihe?
12. Igihe Asafu yatangura gukekeranya ku bijanye n’agaciro k’umurimo yarangurira Yehova, ni ibiki yagize bikamufasha gukosora ivyiyumviro vyiwe? (Zaburi ya 73)
13. Ni kubera iki ya manu yahabwa Abisirayeli yitwa “imihūre yo mw ijuru” ikitwa kandi “umutsima w’abahambaye”? (Zab. 78:24, 25)
14. “Ubgigobeko bg’Īsumba vyose” ni iki, kandi dushobora gute ‘kububamwo’? (Zab. 91:1, 2)
15. Ni gute urupfu rw’abantu b’intahemuka ba Yehova ari urw’agaciro mu nyonga ziwe? (Zab. 116:15)